Uko wahagera

Ku Ncuro ya Kabiri mu Mateka Umupapa Aragendeye Papouasie-Nouvelle-Guinee


Papa Fransisiko, kuri uyu wa gatanu, yashitse muri Papouasie-Nouvelle-Guinee, mu rugendo arimwo mu bihugu bine vyo mu karere ko muri Aziya yo mu bumanuko na Oseyaniya.

Papa Fransisiko abaye umupapa agira kabiri agendeye ico gihugu gikenye yamara gifise akamaro gakomeye mu karere ko mu bumanuko bwa Pasifike. Muri ico gihugu Papa Fransisiko azobonana kuri uyu wa gatandatu n’abategetsi ba reta hamwe n’abaserukira ibihugu vyabo.

Azobonana kandi n’abana bitaweho n’amashirahamwe ajejwe gutabara imbabare, hanyuma agirishe inama abasenyeri, abapadiri n’ababikira bo muri Papouasie-Nouvelle-Guinee.

Papa Fransisiko, afise imyaka 87, yashitse muri Papouasie-Nouvelle-Guinee, inyuma y’amasaha 6 yamaze mu ndege, yari imuvanye ku murwa mukuru wa Indoneziya, Jakarta. Urugendo rw’imisi 3 yagize muri indoneziya rwasozerewe n’imisa yasomye ku mutanga w’ uyu wa kane, imbere y’abantu 100,000 bari buzuye ibibuga 2 vy’inkino no mu bibanza imodoka zihagararamwo.

Papa Fransisiko yasavye abari bitavye iyo misa kutadebukirwa ku bijanye no guhurumbira amahoro. Ari muri Indoneziya, Papa Fransisiko yasavye abakatolika imiliyoni umunani n’ibihumbi 900, ni ukuvuga ibice 3 kw’ijana vy’abantu imiliyoni 275 baba muri ico gihugu, guharanira amahoro mu kwemera kwabo. Papa Fransisiko azogendera kandi Timor yo mu buseruko na Singapour, imbere y’uko atahuka i Vaticano, kw’italiki 13 y’uku kwezi kw’icenda. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG