Uko wahagera

Isirayeri "Yishe Umwe mu Bakoze Igitero Catumye Intambara Isubirwa Kwaduka muri Gaza"


Igisirikare ca Israyeri, kuri uyu wa kabiri, catangaje ko cishe umurwanyi w'umurwi Hamas yagize uruhara mu gitero uwo murwi wakoze ku butaka bwa Isirayeri mu kwezi kw'icumi kw'umwaka urangiye.

Umurwanyi w’umurwi Hamas yishwe yitwa, Ahmed Fozi Wadi, yabonetse cane mu masanamu ya videwo ku musi igitero cagabwe. Wadia yari ayoboye umurwi w’abarwanyi bafise ubuhinga budasanzwe b’uwo murwi.

Igisirikare ca Isirayeri catangaje kandi ko hari uwundi mutegetsi w’umurwi Hamas yishwe. Cavuze ko yari ajejwe gutanga amabombe yakoreshejwe mu gitero. Cavuze kandi ko indege y’ingwano yarashe misile mu kibanza abarwanyi b’umurwi Hamas bariko bakoreramwo, ihitana abarwanyi 8, harimwo Wadia.

Igisirikare ca Israyeri catangaje ko ico kibanza cari hafi y’ibitaro vyitwa Al-Ahli, yamara ko ivyo bitaro bitarashwe muri ico gitero. Ayo makuru akwirikiye imyiyerekano yabaye muri Israyeri muri iyi ndwi inyuma y’uko igisirikare c’ico gihugu gitoye ku musi w’Imana w’iyi ndwi irangiye, ibiziga vy’abantu 6 mu bagizwe imbohe n’umurwi Hamas mu ntara ya Gaza. Abanyisrayeri barashavuriye cane Reta yabo, bavuga ko yananiwe kubohoza abagizwe imbohe mu ntara ya Gaza kugira ngo batahuke mu miryango yabo. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG