Igisirikare ca Ukraine gitangaza ko carashe indege z’ingwano zitagira abadereva 24 muri 52 “Uburusiya bwifashishije mu kugaba ibitero mu burere umunani bwayo”.
Ukraine ivuga ko ata muntu n’umwe yahitanywe n’ivyo bitero. Yemeza kandi ko ata n’inyubakwa nyinshi zahononekariye.
Ivyo bitero biriko biraba, humvikanye urusaku rwinshi rw’ibisasu, abanyagihugu bahungabana barondera iyo binyegeza. Ku murwa mukuru Kiev, urwo rusaku rwamaze amasaha agera kuri ane. Vyabaye hagati mw’ijoro.
Abategetsi bo muri Ukraine bavuze ko igitero c’uno munsi kigize ica kane Uburusiya buyigavyeko muri ino ndwi. Uko ari bine, ivyo bitero vyose Uburusiya bwabigaba bubiroranisha ku murwa mukuru, Kiev.
Uburusiya bwateye kandi n’ibisasu vya Misile ku butaka bwa Ukraine. Abatagetsi ba Ukraine ntibigeze batanga amakuru menshi ajanye n’izo misile.
Hagati aho, ibitero Ukraine nayo yagavye ejo ku wa gatanu mu gisagara ca Belgorod kiri mu bumanuko bushira uburengero bw’Uburusiya vyahitanye abanatu 5 bikomeretsa 46. Buramatari w’ico gisagara avuga ko 7 muri abo bakomeretse ari abana. (REUTERS)
Forum