Uko wahagera

Abanyamerika 92 Ntimerewe Gukoza Ikirenge Mu Burusiya

Umumenyeshamakuru Evan Gershkovich wa The Wall Street Journal yamaze umwaka urenga apfungiwe mu Burusiya.
Umumenyeshamakuru Evan Gershkovich wa The Wall Street Journal yamaze umwaka urenga apfungiwe mu Burusiya.

Uburusiya bwashize Abanyamerika 92 ku rutonde rw’abantu batemerewe kuja muri ico gihugu. Barimwo abamenyeshamakuru b'ibimenyeshamakuru The New York Times, The Washington Post, The Wall Street Journal hamwe n’abategetsi batandukanye muri reta ya Amerika.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburusiya buvuga ko bwafashe iyo ngingo kugira bwihore Amerika “ ku rwanko ifitiye Uburusiya n’utwigoro twayo two kububurabuza.”

Itangazo ry’Uburusiya rigira riti: “ Tuributsa Amerika ko ingingo zikarishe ifatira igihugu cacu zidashobora kwijana.”

Uburusiya buvuga ko abamenyeshamakuru bose bwatse uburenganzira bwo guhonyoza ikirenge ku butaka bwabwo bazize “Amakuru y’ibihuha batanagaza ku Burusiya n’ingabo zabwo.”

Umwanditsi mukuru w’ikimenyeshamakuru Wall Street Journal, Emma Tucker, ari mu bo Uburusiya bwaziririje kuja ku butaka bwabwo. Muri kahise ka vuba, yararemereye cane ico gihugu biciye mu kwandika amakuru y’ipfungwa ry’umumenyeshamakuru bakorana yitwa Evan Gershkovich, yamaze umwaka urenga apfungiwe mu Burusiya.

Umuvugizi w’ikinyamakuru The Wall Street Journal yateye ivyatsi ingingo y’Uburusiya avuga ko iteye isoni, kandi ihonyanga ubwigenge bwo kumenyesha amakuru.

Ingingo y’Uburusiya ije ikurikira ibihano Amerika iheruka gufatira amashirahamwe arenga 400 yagirizwa gushigikira Uburusiya mu ntambara burimwo na Ukraine.

Forum

XS
SM
MD
LG