Uko wahagera

U Rwanda, AU na HCR Vyongereje Amasezerano yo Kuzana mu Rwanda Abimukira bo muri Libiya


U Rwanda, umuryango w’ubumwe bwa Afurika n’ishami rya ONU ryitaho impunzi kw’isi, HCR, vyaraye vyongereje ikiringo c’amasezerano yo kuzana mu Rwanda bamwe mu bimukira b’Abanyafurika bapfungiwe mu makambi atandukanye yo muri Libiya.

Amasezerano yasinywe mu kwezi kw’icenda ko mu 2019, azobandanya gushika igenekerezo rya 31 z’ukwezi kwa cumi na kabiri ko mu 2025.

Abimukira b’Abanyafurika bagiye kubandanya batwarwa mu Rwanda bagwiriyemwo abafatirwa muri Libiya bariko bashaka kuja mu bihugu bitandukanye vyo ku mugabane wa Buraya.

Amasezerano mashasha yasinywe n’u Rwanda, umuryango w’ubumwe bwa Afurika na HCR avuga ko izi mpande uko ari zitatu zibwirizwa gukingira impunzi n’abimukira bazozanwa mu Rwanda, kandi zigakorera hamwe mu ntumbero yo gutorera umuti urama ikibazo c’abimimukira baca mu mayira ya magendu bashaka kuja mu bihugu vya Buraya.

Itangazo ryasohowe n’impande zose, rivuga ko kugera ino saha, abimukira bamaze kujanwa mu Rwanda biciye muri ayo masezerano yongewe ikiringo ari 2300. Aba barimwo abava muri Cadi, Côte d'Ivoire, Eritreya, Etiyopiya, Sudani, Sudani y’epfo, Somaliya, Nijeriya, Kameruni, Gineya na Mali.

Mu 2019 amasezerano agisinywa, u Rwanda rwavuga ko rwiteguriye kwakira abimukira ibihumbi 30 mu bari muri Libiya. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG