Mu Burundi, indwara y’akaranda iva ku nkende ikomeje kurandagata mu turere tw’ubuvuzi dutandukanye aho uturere tugera kuri 24 imaze kuhagaragara. Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu busaba abanyagihugu kwirinda mu gukaraba n’amazi meza.
Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu busaba abanyagihugu kwirinda mu gukaraba intoki, kutaramukanya mu ntoki ndetse no kutarwana munda. N’aho biri uko iyo ugeze mu bice bitandukanye na cane cane mu gisagara ca Bujumbura ubona abantu batavyubahiriza nkuko abakunzi bacu bavyiboneye.
Abaramukanya basomana barabikora kumugaragaro kandi hari n’abagenda bafatanye mu ntoki n’ibindi. Umushikiranganji Lyduine Baradahana ajejwe amagara y’abantu yahamagariye abanyagihugu kurwanya ico kiza nkuko barwanije Covid 19 kuko gifise umurindi munini.
Umukuru w’inama nkenguzamateka nawe yibutsa abanyagihugu kumvira ubushikiranganji ivyo bubasaba kuko iyo ngwara idatujijwe ishobora gutuma abarundi badashikira yambona kazoza bifuza.
Ariko naho biri uko abanyagihugu bavuganye n’abakunzi b’ijwi ry’Amerika bavuga ko ivyo basabwa bigoye kuko ikibazo c’amazi gihangayikishije benshi. Abo banyagihugu bavuga kandi ko mu ntwaro ari bo bari bakwiye kubikurikirana kuko babivuga mu majambo gusa ugasanga nta kubikurikirana guhari mw’ishingwamungiro ryavyo.
Mu vyo Ubushikiranganji busaba harimwo gushira ubukarabiro ahahurirwa n’abantu benshi, mu masoko,mu tubari n’ahandi hahurira abantu benshi. Ariko abanyagihugu twavuganye bavuga ko ataho usanga amazi yo gukaraba.
Iyo ndwara y’akaranda ifata vuba ariko ikibonekeza cane mu minsi 14 umuntu ayanduye, Muganga Aime Uwimana yanonosoye ibijanye no kuvura ibijanye n’indwara zifatira mu maraso avuga ko ibimenyetso vya mbere umuntu agomba kwitondera ari ubushuhe bwinshi no kugira amasumbi.
Abantu batandukanye barimwo n’Umuyobozi mukuru wa INSS ikigo kijejwe gutegekaniriza abakozi General Major Emmanuel Miburo asaba abakoresha kurinda abakozi babo mu gushiraho uburyo bwo kwirinda aho bakorera.
Iyo ndwara kandi kugira ngo ivurwe umuntu akire, ashobora kumara ukwezi kose ariko aravurwa kandi bigatwara uburyo bwinshi kuko habaho kubanza kumisha ibiherehere biba vyuzuye ku mubiri, ndetse n’ivyo aba aryamyeko buri munsi baca babita.
Umushikiranganji Lydwine Baradahana agasaba abantu kwirinda kuko kuvura umuntu yafashwe bigoye cane bikanatwara amafaranga menshi.
Kugera kw’igenekerezo rya 16 uku kwezi kwa munani mu karere k’ubuvuzi ka Bujumbura mu makaritiye 2 gusa ya Kinama na Kamenge honyine hari hamaze kuboneka abantu barenga 45 banduye iyo ndwara y’akaranda k’inkende.
Forum