Abasirikare b’Uburusiya, kuri uyu wa kabiri, bakoze ibitero vya misile na drone ku nteko za Ukraine. Bavuga ko ivyo bitero vyahagaritse umuvuduko w’abasirikare ba Ukraine bariko bashikira intara ya Kursk iri ku butaka bw'Uburusiya.
Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’Uburusiya bwarerekanye amasanamu y’indege z’ingwano, Su-34, ziriko zirasa misile ku vyo buvuga ko ari inteko za Ukraine mu ntara ya Kursk, iri ku rubibe na Ukraine.
Bwavuze ko bwatujije ibitero vy’inteko za Ukraine mu bisagara bitoyi biri hafi y’ibilometero 26 gushika kuri 28, uvuye ku rubibe na Ukraine. Ibitangazamakuru by’Uburusiya byandika ku ntambara byatangaje ko abasirikare b’Uburusiya basambuye ibimodoka vya burende 35 vya Ukraine, ibimodoka 31 bitamenwa n’insoro bitwara inteko, ibimodoka vya gisirikare 18, n’ibindi bimodoka 179 bitamenwa n’insoro, mu ngwano imaze indwi ibera mu ntara ya Kursk.
Bulamatari w’intara ya Kursk, Alexei Smirov, ku musi wa mbere yaratangaje ko Ukraine igenzura imidugudu mitoyi 28 muri iyo ntara. Ukraine yo yatangaje ko igenzura ibilometero kwadarato 1.000 vy’ubutaka bw’Uburusiya. Ni incuro zirenga zibiri z’ibiharuro uburusiya butanga. Mu ndwi iheze, inteko ibihumbi n’ibihumbi za Ukraine zarinjiye mu ntara ya Kursk, iri mu Burusiya hafi y’urubibe na Ukraine. Ivyo bitero vyubiriye Uburusiya, vyaratumye ico gihugu cimura abantu bagera ku 200.000 baba mu ntara ya Kursk. (REUTERS)
Forum