Igipolisi muri Tanzaniya, kuri uyu wa mbere, cataye mu mvuto abanywanyi bakomeye b'umugambwe utavuga rumwe na reta, Chadema. Muri bo harimwo Tundu Lissu, yigeze guhiganwa mu mabanga y'tumukuru w'igihugu.
Abo bayobozi b’umugambwe Chadema bahagaritswe mu gisagara ca Mbeya kiri mu bumanuko bushira uburengero bwa Tanzaniya.
John Mrema umuyobozi ajejwe gutangaza amakuru n’imigenderanire w’umugambwe Chadema, yavuze ko abakiri bato 500 bashigikiye umugambwe Chadema, na bo nyene bahagaritswe n’igipolisi, igihe bariko batera bagana igisagara ca Mbeya kwitaba iryo koraniro. Mu nyuma y’aho igipolisi cabasubije iyo baje bava.
Igipolisi ca Tanzaniya, ku musi w’Imana, caratangaje ko casohoye itegeko riziririza amakoraniro y’urwaruka rwo mu mugambwe Chadema. Cawagirije ko uriko utegura imyiyerekano irangwa n’uruhagarara.
Vyari bitegekanijwe ko uwo mugambwe utunganya ikiganiro kijanye n’ihimbazwa ry’ umusi mpuzamakungu wahariwe urwaruka kuri uyu wa mbere.
Vyari vyitezwe ko imikangara yo mu mugambwe Chadema igera ku 10.000 ihurira mu gisagara ca Mbeya, mu birori vyo guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe urwaruka.
Umuyobozi mukuru w’umugambwe Chadema, Freem Mbowe, yatangaje ko yiyamirije yivuye inyuma ihagarikwa ry’icegera ciwe, Tundu Lissu, n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe Chadema, John Mnyika hamwe n’abandi bategetsi bakomeye b’uwo mugambwe.
Mu butumwa ku rubuga X, umuyobozi mukuru w’umugambwe Chadema yatangaje ko basaba ko abategetsi bawo, abanywanyi bawo, n’abawushigikiye bose batawe mu mvuto mu bice bitandukanye vyo mu gihugu barekurwa bidatevye kandi atabibanje gusabwa. (AFP)
Forum