Uko wahagera

Afurika y'Epfo Yatabaye Abimukira b'Abanya-Etiyopiya Bagera kw'Ijana


Abimukira b'Abanya-Etiyopiya bagera kw'ijana baratabawe n'igipolisi muri Afrika y'epfo, ejo ku musi w'Imana. Igipolisi catangaje iyo nkuru, kuri uyu wa mbere.

Igipolisi ca Afrika y’epfo, ku musi w’Imana, carasatse ikibanza c’ahantu hari amakuru avuga ko hari umuntu yari yahanyururijwe. Catoye abimukira batari bake muri ico kibanza.

Abantu babiri barahagaritswe bikekwa ko banyuruza abantu kandi bakora urudandazwa ry’abantu. Igipolisi catangaje ko abimukira b’abanyaetiyopiya batowe vyibonekeza ko bagurishijwe.

Bari buzuranye mu vyumba bitoyi kandi baguma bugaranywe nk’uko igipolisi kibitangaza. Barajanywe mu bitaro kugira basuzumwe. Abantu babiri bikekwa muri urwo rudandazwa ry’abantu bazokwirikiranwa ivyaha muri sentare.

Abategetsi, barimwo abo mu ibiro mpuzamakungu bikwirikirana inkozi z’ikibi, Interpol, barerekanye impungenge ku rudandazwa rw’abimukira b’abanyetiyopiya bacishwa mu bihugu bitari bike vyo muri Afrika yo mu bumanuko barondera gushika muri Afrika y’epfo.

Mu mwaka w’2020, abantu batari musi ya 64 baturutse muri Etiyopiya batowe bapfuye muri konteneri muri Mozambike. Mu mwaka w’i 2022, ibiziga vy’abimukira b’abanyetiyopiya 30 vyatowe mu kibanza gifubwamwo abantu benshi muri Malawi. Uwo mwaka nyene, ibiziga vy’abagabo b’abanyetiyopiya 27 vyatowe vyatawe ahantu muri Zambiya. (AFRICANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG