Uko wahagera

Uburusiya Buravuga ko Bwafashe Igisagara ca Vovche mu Buseruko bwa Ukraine

Ingabo z'Uburusiya zitegura intambara
Ingabo z'Uburusiya zitegura intambara

Uburusiya, kuri uyu wa mbere, bwatangaje ko inteko zabwo zafashe igisagara gitoyi citwa Vovche, kiri mu buseruko bwa Ukraine

Ni imwe mu ntambwe Uburusiya buvuga ko buriko buragira ku rugamba mu ndwi za vuba.

Igisagara ca Vovche, kiri hafi y’ibilometero 16 mu buraruko bushira uburengero bw’igisagara ca Avdiivka, Uburusiya bwigaruriye mu kwezi kwa kabiri kw’uyu mwaka. Inteko z’Uburusiya ziriko zitera zigira imbere mu buseruko bwa Ukraine zivuye muri ico gisagara.

Ubushiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’Uburusiya bwatangaje ko zahabuje igisagara ca Vovche kiri mu ntara ya Donetsk mu buseruko bwa Ukraine.

Bibaye umusi umwe inyuma y’uko Uburusiya buvuze ko inteko zabwo zafashe ibisagara bitoyi vya Progres na Yevgenivka, biri ku bilometero bikeyi umuntu avuye mu gisagara ca Vovche.

Abategetsi b’Uburusiya bavuga ko mu ndwi za vuba inteko z’igihugu cabo zafashe ibisagara bitoyi bitari bike, vyinshi birimwo inyubakwa zigaragara.

Mu ntambara muri Ukraine nta ruhande na rumwe ruragira intambwe zigaragara ku rugamba.

Naho uruhande rumwe rumwe ruvuga ko rwishe inteko nyinshi cane z’urundi bitana mu mitwe. Ni hafi inyuma y’imyaka 2 n’igice irangiye inyuma y’uko Uburusiya butanguye ibitero muri Ukraine. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG