Uko wahagera

Isirayeri Yakoze Igitero muri Libani Gihitana Abantu Babiri


Igisirikare ca Isirayeri, kuri uyu wa mbere, cakoze igitero mu bumanuko bwa Libani cahitanye abantu 2.

Muri ico gitero, abandi bantu batatu bakomeretse hisunzwe amakuru yatangajwe n’itororokanirizo ry’amakuru rya Reta ya Libani.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Isirayeri, Yoav Gallant, yatangaje ko inteko ziwe zikora ibishoboka vyose kugira umurwi Hezbollah wishure ku gitero ca rokete wakoze ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye mu karere k’imisozi ya Golan kagenzurwa na Isirayeri. Ico gitero cahitanye abana 12.

Hisunzwe amakuru yatangajwe n’ikinyamakuru ca Reta ya Arabiya Sawudite, Al Hadath, abantu 2 bishwe mu gitero ca drone Isirayeri yakoze, muri iki gitondo, mu bumanuko bwa Libani bari abanywanyi b’umurwi Hezbollah. Abajejwe gutabara

muri Libani batangaje kuri uyu wa mbere ko ici gitero ca drone cakozwe mu gisagara ca Shaqra, gihitana abantu babiri, congera gikomeretsa abandi batatu, harimwo umwaka.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Isirayeri vyagirije umurwi Hezbollah ku gitero co ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye. Yamara abarwanyi b’uwo murwi barahakanye ko hari uruhara bagize muri ico gitero.

Muri ico gihe, igisirikare ca Isirayeri, kuri uyu wa mbere, cakoze kandi ibitero mu bumanuko bw’intara ya Gaza gikoreshsje inteko zirwanira ku butaka n’indege z’ingwano. Catangaje ko ivyo bitero vyabereye mu karere ka Rafah na Khan Younis.

Ni mu gihe mu kiringo c’umusi urangiye, Isirayeri yakoze ibitero ikoresheje indege z’ingwano mu bibanza 35 umurwi Hamas ukoreramwo mu karere ka Gaza. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG