Umuyobozi w’ibiro vya Amerika bijejwe umutekano w’abategetsi bakomeye yatanze imihoho inyuma yaho Donald Trump ahatswe kugandagurwa.
Ivyo bibaye inyuma yaho imyidogo yari ibaye myinshi cane ku kuntu abashinzwe umutekano batashoboye gukora akazi kabo uko bikwiye.
Kimberly Cheatle yari ayoboye ivyo biro kuva mu kwezi kw’umunani mu mwaka wa 2022. Cheatle yatangaje iyo ngingo yo kwegura mu butumwa bwa imeyeri yarungikiye abo ayobora kuri uno musi wa kabiri.
Mu butumwa bwiwe, uwo muyobozi yagize ati “Ndemeye amakosa yose yakozwe”. Yongerako ati "Inyuma y’ibiheruka kuba, ni n’umubabaro mwinshi nafashe iyo ngingo yo gutanga imihoho mu mabanga yanje, nk’umuyobozi wanyu”.
Cheatle yari amaze imisi asabwa n’impande zitandukanye gutanga imihoho. Ikindi, amatohoza amaze imisi akorwa mu kugerageza kumenya uko vyagenze kugira umugizi wa nabi yitwaje inkoho ashobore kwegera cane ikibanza umukandika w’umugambwe w’abarepublikani, Donald Trump, yariko ariyamamazamwo muri reta ya Penisilivaniya.
Umusore w’imyaka 20 yitwa Thomas Matthew Crooks, yabashije gushika ku metero 135 y’aho uwahoze ari prezida wa Amerika Donald Trump yariko ashikiriza ijambo kugira amurase. Ivyo vyabaye mu gihe hari hasanzwe hariho amakenga k’umutekano wa Trump.