Abategetsi b'Uburusiya, kuri uyu wa mbere, batangaje ko icegera ca Prezida wa Amerika, Kamala Harris, akoresha amajambo atari aya kivandimwe ku vyerekeye igihugu cabo.
Kamala Harris ni we abonwa ko ari imbere y'abandi bazohiganirwa gusubirira Prezida Joe Biden, mu mugambwe w'abademokrate mu matora azoba muri Amerika mu kwezi kw'icumi na rimwe kw'uyu mwaka.
Umuvugizi w’ibiro vya Prezida w’Uburusiya, Dmitry Peskov, ntiyatangaje ku buryo bugaragara ayo majambo ayo ari yo igihe yari abajijwe ku kugene igihugu ciwe kibona Kamala Harrris.
Kamala Harris, co kimwe na Prezida Joe Biden yarashigikiye yivuye inyuma Ukraine, kuva Uburusiya butanguye ibitero muri ico gihugu mu kwezi kwa kabiri mu mwaka w’i 2022.
Mu ntango z’uyu mwaka, Kamala Harris yavuze ko urupfu rwa Alexei Navalny, yari umunyapolitike akomeye atavuga rumwe na Reta y’Uburusiya, cari ikindi kimenyetso c’inyifato y’ubunyamaswa ya Prezida Putin. Harris yongeye avuga ko Uburusiya buriko bukora ibwicanyi bw’agahomerabunwa muri Ukraine.
Umuvugizi w’ibiro vya Prezida w’Uburusiya, Dmitri Peskov, yatangaje ko uretse ivyo Kamala Harris yatangaje ku gihugu ciwe biterekana inyifato ya kivandimwe, ata na kimwe, caba ciza canke kibi yakoze ku bijanye n’imigenderanire hagati ya Amerika n’Uburusiya.
Prezida w’Amerika, Joe Biden, ku musi w’Imana, yarashigikiye Kamala Harris kumusubirira mu matora y’umukuru w’igihugu azoba mu kwezi kw’icumi na rimwe kw’uyu mwaka. Hari gatoyi inyuma y’uko atangaje ko atazohiganwa muri ayo matora asigaje igihe kiri musi y’amazi ane ngo abe. (AFP)
Forum