Uko wahagera

Kenya: Ubutungane Bwanse Ingingo ya Polisi Ibuza Imyiyerekano


Sentare nkuru y'i Nairobi muri Kenya yanse ingingo ya polisi y'ico gihugu, iziririza imyiyerekano ibandanya kubera mu bice bitandukanye vy’umurwa mukuru wa Kenya, Nairobi.

Sentare nkuru yo ku murwa mukuru wa Nairobi, ivuga ko mu kurindira ko ifata ingingo yayo ya nyuma igenekerezo rya 29, uku kwezi kw’indwi, abakora imyiyerekano bashobora kubandanya kuyikora ata wubakoma.

Ku wa gatatu w’ino ndwi, Polisi ya Kenya yabujije imyiyerekano yose ibera ku murwa mukuru, Nairobi no mu micungararo yawo, isigura ko ibikoze mu ntumbero yo gukingira umutekano w’igihugu.

Igipolisi ca Kenya cemeza ko gifise amakuru yizewe y’uko imwe mu mirwi y’inkozi z’ikibi ishaka kwiheka inyuma y’iyo myiyerekano.

Abiyerekana biyamirije ivyavuzwe na Polisi ya Kenya, bavuga ko ata burenganzira na buto ifise bwo kubuza imyiyerekano, kuko ibwirizwa nshingiro rya Kenya ritanga uburenganzira bwo kwiyerekana.

Kenya iriko iberamwo imyiyerekano ikaze kuva mu kwezi kwa gatandatu, aho abayikora biyamiriza ahanini iduzwa ry’amatagisi ku vya nkenerwa birimwo amavuta, imikate n’ibindi.

Naho Prezida William Ruto wa Kenya yahevye umugambi wo kuduza ayo matagisi, ku munsi wa mbere, abayikora basubiye mu mabarabara, basaba ko Prezida Ruto yegura.

Umurwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu uvuga ko abamaze kurwa mu myiyerekano kuva mu kwezi kwa gatandatu bagera kuri 50, abayikomerekeyemwo bakaba barenga 410. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG