Kuri uno musi wa kabiri abanyakenya batavuga rumwe na Prezida Ruto batunganije iyindi myiyerekano yo kwiyamiriza reta no kumusaba kuva ku butegetsi.
Abapolisi bibonekeje mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Nairobi, aho itororokanirozo ry’amakuru ry’Abongereza, Reuters, ritangaza ko bagiye baratera ivyuka bibaba mu maso mu bari muri iyo myiyerekano hagati mu gisagara, no mu kigwati ca Kitengela.
Iyo myiyerekano yatanguye mu kwezi guheze igihe reta yashira ahabona itegeko ryo kwongereza amakori ku bidandazwa bisanzwe abanyagihugu bakoresha. Akarorero kakaba ku mikate, imiduga, n’ibindi bidandazwa vya misi yose reta ivuga ko vyari gufasha kuyungukira amafaranga angana n’umuriyaridi umwe n’ibice bitanu vy’amadolari y’Amerika.
Iyo myiyerekano yatanguye ikorwa mu mutekano, ariko yahavuye irangwa n’itana mu mitwe hagati y’igipolisi n’abanyagihugu. Urwo ruhagarara rwatumye abanyakenya 39 bahasiga ubuzima. Prezida Ruto yahavuye yemera gutesha agaciro iryo tegeko yongera yirukana abashikiranganji biwe bose mu ntumbero yo guhoza abari mu myiyerekano.
Iyo myiyerekano irabandanya ku rugero ruto, abayirimwo basaba ihagarikwa rya ruswa hamwe no gutunganiriza ababuze ababo muvyo bita itotezwa ryakozwe n’igipolisi
Forum