Ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati muri Nijeri, bwategetse ko ibisata bibarizwamwo ivyo kurondera inkozi z’ikibi bimera magabo.
Ni inyuma y’uko ku mugoroba w’ejo ku wa kane, bamwe mu banyororo bapfungiwe mw’ibohero ryitwa Koutoukale batorotse.
Iryo bohero riri mu yacungerewe cane muri Nijeri ripfungiwemwo inkozi z’ikibi zirimwo abari mu mirwi yiyitirira idini rya Kisilamu, muri yo harimwo iyishimikiye kuri Al Qaeda na Islamic State yo mu bihugu bitandukanye vyo muri Afurika yo mu burengero. Harimwo kandi abakekwa kuba mu murwi wa Boko Haram.
Ubutegetsi bwa Nijeri ntibwigeze butangaza igitigiri c’abanyororo batorotse uko bangana. Bwaciye butegeka amasaha ntarengwako abanyagihugu bose bo mu karere gaherereyemwo iryo bohero babwirizwa kuba bashikiyeko mu mihana yabo
Bamwe mu banyororo bo mw’ibohero rya Koutoukale batorotse inyuma yaho mu 2016 no mu 2019, bagerageje gutoroka, ariko bikanka. Iryo bohero riherereye ku birometero 50 y’umurwa mukuru wa Nijeri, Niamey. (Reuters)
Forum