Uko wahagera

Isirayeri Yagavye Ibitero muri Gaza


Israyeli yakoze ibitero mu gisagara ca Gaza mu gihe Hamas yari yagabishije ko ibindi bitero vya Israyeli bishobora kugira ingaruka mbi ku biganiro vyo guhagarika ingwano biriko biraba muri iki gihe.

Uyu musiIsrayeli yatangaje ko abasirikare bayo bariko bararwanira mu gace ka Shejaiya kandi ko bishe abagwanyi benshi.

Kuri uno musi wa kabiri ibiro vya ONU bijejwe agateka ka muntu na vyo vyavuze ko bifise amakenga kuri ivyo bitero vya Israyeli hamwe no ku ngingo zashikirijwe na Israyeli zisaba abanyagihugu kuva muri ako karere.

ONU yavuze kandi ko itangazo ryasohotse ku musi w’Imana, ryasaba abantu guhungira mu burengero bw’igisagara ca Gaza kubera yuko ariho hari hariyo umutekano; yamara ako kace nyene ni ko ibitero vy’abasirikare ba Israyeli -IDF vyongerejwemwo.

Itangazo ry’ibiro vya ONU ryagize riti “Ibiro vya ONU bijejwe agateka ka muntu bimaze kugabisha incuro zitari nke yuko amategeko yatanzwe n’igisirikare ca Israyeli ajanye n’uturere abantu bakwiye guhungiramwo, adatomoye neza.

Akenshi asaba abantu kwimukira mu duce igisiriakare ca IDF kiriko kirakoreramwo ibitero. Turasavye Israyeli dushimitse gukora ibishobotse vyose kugira ikingire ubuzima bw’abasivile muri Gaza.”

Abashinzwe ibiganiro vy’umwumvikano mu gihugu ca Misiri bariko barakora batiziganya, kugira haboneke amasezerano yo guhagarika intambara muri Gaza.

Ejo ku musi wa mbere ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika – White House, vyavuze ko abategetsi ba Amerika bari mu Misiri mu biganiro bifise intumbero yo guhagarika ingwano hagati ya Israyeli na Hamas.

Forum

XS
SM
MD
LG