Uko wahagera

Umugambwe w'Abakozi Watsinze Amatora y'Ubwongereza


Parliamentary election in Britain
Parliamentary election in Britain

Umugambwe witiriwe abakozi mu Bwongereza, Labour Party, waraye utahukanye intsinzi mu matora yabaye ejo ku wa kane. Umugambwe utsimbataye ku migenzo y’ivya kera, Conservative Party, wari uhanganye n’uwo witiriwe uw’abakozi wemeye ko watsinzwe.

Keir Starmer arongoye umugambwe w’abakozi, “Labour Party” watsinze amatora, yemereye Abongereza guhindura imigambi itari mike igihugu cahora kigenderako, yongera ataganza ko Ubwongereza bugiye kuba “igihugu gishasha.”

Mw’ijambo yashikirije abanyagihugu, yagize ati: “Imigambi mishasha yo guhindura igihugu, ubu igiye gutangura. Sindabemereye ko iyo migambi yose izokora. Guhindura igihugu, ntibimeze nk’akuma ufyonda, ibintu bigaca bihinduka ubwo nyene. Bisaba ibikorwa bikomeye kugira igihugu gihinduke. Bisaba ukwihangana kwinshi, n’umwete mwinshi.”

Mu nama nshingamateka, umugambwe w’abakozi waharonse ibibanza 412 mu gihe wahorana 201. Uwutsimbataye ku migenzo y’ivya kera na wo waronse ibibanza 121, mu gihe wahorana 371.

Rishi Sunak, yahora ari umushikiranganji wa mbere, yemeye ko umuganbwe wiwe watsinzwe. Nk’uko yavyivugiye ku mbuga ngurukanambumenyi ziwe, yahamagaye mugenzi wiwe Keir Starmer, aramukeza. Yemeye ko ubutegetsi bw’umugambwe wiwe butakoze neza.

Ibinyamakuru bikorera mu Bwongereza vyemeza ko Sunak yaciye yihuta aratanga imihoho, Umwami w’Ubwongereza Charles wa III, abiha umugisha.

Umugambwe utsimbataye ku migenzo y’ivya kera uvuye ku butegetsi inyuma y’imyaka 14 wari ubumazeko. Ni ubutegetsi bwagiye buvugwamwo ibibazo bimwe bimwe birimwo iduga ry’ibiciro, abashikiranganji ba mbere bagiye baregura ku gasakisaki, yegereyegere za bamwe mu bakozi barimwo abakorera mu gisata c’ubuvuzi, ingingo y’Ubwongereza yo kuva mu muryango w’Ubumwe bwa Buraya, Brexit.

Ikindi kibazo caranze itwaro y’uwo mugambwe w’abatsimbaraye ku migenzo y’ivua kera muri ino myaka 14 iheze, kirimwo ic’abimukira. Umugambi wo kurungika mu Rwanda bamwe mu bimukira bashitse ku butaka bw’Ubwongereza biciye mu nzira zinyuranye n’amategeko, waragarutsweko na benshi barimwo abaharanira agateka ka zina muntu, n’abanyamategeko bavuga ko ari uciye kubiri n’amategeko kandi uhonyanga agateka ka muntu.

Intsinzi y’umugambwe witiriwe abakozi, ishobora gutuma uwu mugamibi uhagarara kuko abayobozi bawo batawushigikiye. Umugambwe wa Rishi Sunak watsinzwe, wo wari ushigikiye uwo mugambi.

Keir Starmer agiye kuba umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza yahoze ari umunyamategeko w’umuhinga mu vy’agateka ka zina muntu. Afise imyaka 61. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG