Uko wahagera

Kenya: Abakora Imyiyerekano Basaba Prezida Ruto Kwegura


Abatunganya imyiyerekano yo gusaba ko Prezida William Ruto atanga imihoho bagiye guhindura uburyo bayitunganya. Bafashe iyo ngingo inyuma y’aho imyiyerekano y’ejo ku musi wa kabiri ibereyemwo ubugizi bwa nabi hamwe n’ubusahuzi, bishobora guha izina ribi imigambi yabo.

Abatunganya iyo myiyerekano bavugako ko ubugizi bwa nabi bwibonekeje, bwakozwe n’inkozi z’ikibi zoherejwe n’abanyapolitike kugira ngo zitukishe abakora iyo myiyerekano, zongere zishikiriza imigambi yazo, ataho ihuriye n’intumbero nyamukuru. Bityo, bamwe muri abo bariko barasaba ko iyindi myiyerekano itegekanijwe ejo ku musi wa kane isiba.

Ojango Omondi, umwe mu batunganya iyo myiyerekano yagize bati: “Bisa n’uko reta ya Kenya yabonye ko uburyo bwonyene bwo kuyirangiza ari ugutera akajagari, ubusahuzi n’ubundi bugizi bwa nabi bwoca bwiritiriwa abatunganya imyiyerekano.”

Ati: “Harageze ko dusubira kwicara hamwe tukiyumvira ubundi buryo bwo guhagarika ubwo bugizi bwa nabi, kugira ngo dushobore gushika ku migambi y’imyiyerekano yacu.”

Imyiyerekano yo kwiyamiriza ingingo yo kuduza amatagisi yabaye mu kwezi guheze, muri rusangi yabaye mu mahoro, naho abapolisi bashwiragije abari muri yo, bakoresheje imyuka ibabaza mu maso.

Iyo myiyerekano yahavuye ivamwo ubwicanyi mu ndwi iheze, inyuma y’aho abari muri yo binjiriye ku nguvu mu nyubakwa, abashingamateka bakoreramwo, abapolisi bagakoresha insoro zica mu kubashwiragiza, gushika n’aho abatari bake bayigwamwo.

Forum

XS
SM
MD
LG