Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi mu Burusiya, bwagirije Amerika kugira uruhara mu gitero cahitanye abantu batatu, gikomeretsa abagera ku 100.
Itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi mu Burusiya, rivuga ko ico gitero Uburusiya bwemeza ko cagabwe na Ukraine, kibwegeka no kuri Amerika, kubera “ Misile zakoreshejwe ari izo Amerika yahaye Ukraine.
Iryo tangazo rigira riti: “ Iki gitero ca Misile zatewe n’ibigirankana ku banyagihugu bo mu gisagara ca Sébastopol kiri mu ntara ya Krimeya, kiri ku gatwe ka Amerika kuko ni yo yazihaye Ukraine. Ni igitero kandi kibwirizwa kubazwa Ukraine. Ibikorwa nk’ibi ntibishobora kwijana.”
Intara ya Krimeya yabereyemwo ico gitero, Uburusiya bwayigaruriye mu 2014. Ukraine kugera ino saha, ntaco iravuga ku vy’iki gitero.