Uko wahagera

U Rwanda Ruvuga ko HCR Yarubesheye muri Sentare y'Ubwongereza


Yolande Makolo avugira reta y'u Rwanda
Yolande Makolo avugira reta y'u Rwanda

Reta y’u Rwanda yatangaje ko ishami rya ONU ryitaho impunzi kw’isi ryabesheye ico gihugu ku bijanye n’ingene gifata impunzi. Ku wa mbere w’ino ndwi, igisata ca ONU citaho impunzi kw’isi cabwiye sentare nkuru y’Ubwongereza ko gifise ivyemezo vy’uko muri uno mwaka, u Rwanda rwabangamiye abimukira barimwo abo ico gihugu casubije mu bihugu bashobora kugirirwamwo nabi.

Ababuranira HCR ku wa mbere babwiye kandi sentare nkuru y’Ubwongereza ko ivyemezo vy’abimukira 7 u Rwanda rwoba rwarirukanye mu mwaka uheze HCR yemeza ko ifise, vyari bwikiye gutuma ubwongereza buheba umugambi wabwo wo kurungika bamwe mu bimukira mu Rwanda, kuko kubarungikan muri ico gihugu “bibashira mu kaga ko gushobora kwisanga amaherezo U Rwanda rubarungitse mu bihugu bibakorera amabi arimwo kwicwa no kuborezwa igufa.”

Itangazo reta y’u Rwanda yasohoye biciye mu biro vy’umuvugizi wayo rigira riti: “ HCR irabesha. Iryo shirahamwe ku ruhande rumwe rishikiriza ivyariji vyuzuye ibinyoma ama sentare y’Ubwongereza, ku rundi ruhande rikabandanya gukorana na twe mu mugambi wo kuzana mu “Rwanda rutekanye” abimukira bo muri Afurika barimwo abo muri Libiya.

Ibiro bivugira reta y’u Rwanda bibandanya kuvuga ko ico batahuye ari uko mu bimukira HCR ivuga ko u Rwanda rwirukanye, harimwo umugabo ibirwa vya Seychelles vyimye ubuhungiro, mu nyuma HRC muri Afurika y’epfo, ubwayo ikaza gufata ingingo ko akwiye guhabwa ubuhungiro mu Rwanda.

Muri iryo tangazo, reta y’u Rwanda iti: “ HCR ntiyigeze itugisha inama imbere yo gufata ino ngingo. Nta biganiro na bimwe vyigeze biduhuza na HCR kuri ino dosiye.” U Rwanda rubandanya gusigura, ko aka ari akarorero kamwe muri twinshi ico gihugu gifata nk’amarementanya yuzuye ibinyoma rukorerwa na HCR.

Ibindi vyagiriji U Rwanda rwita ibinyoma rwagarutseko mw’itangazo ryarwo, ni ivyerekeye umurwi w’abarundi HCR ivuga ko ico gihugu cimye ubuhungiro. U Rwanda ruvuga ko abarundi HCR ivuga ko rwimye ubuhungiro batigeze banabusaba, ahubwo barenze ku mategeko agenga abinjira n’abasohoka muri ico gihugu. U Rwanda ruti: “ Ibi ni nko kwiha amenyo y’abatwenzi, kuko hari ibihumbi n’ibihumbi vy’abarundi u Rwanda rwahaye ubuhungiro kandi baratekaniwe.”

Ijwi ry’Amerika, ntiryashoboye kuronka abavugizi ba reta y’u Rwanda kugira tubasabe umuco utomora umurwi w’abarundi bavugwa muri ino nkuru n’amaherezo y’uwo mugabo yimwe ubuhungiro muri Seychelles.

Ikindi u Rwanda rugarukako mw’itangazo ryarwo, ni abantu baza mu Rwanda bafise uburenganzira bwo kuba mu bindi bihugu, ariko badafise impusha zibemerera kuza ku butaka bw’u Rwanda nka bamukerarugendo, ntibanasabe n’ubuhungiro. U Rwanda ruvuga ko iyo aba bantu basubijwe inyuma, bidakwiye kwitwa “ Refoulement” ( imvugo HCR yakoresheje mu gutanga uturorero twabiukira ivuga ko birukanywe). Kuri ino ngingo, u Rwanda rushimangira ruti: “ Turabisubiyemwo. Utu si uturorero two kwirukana impunzi. Twabivuze akatari gake, U Rwanda ntirwirukana abarondera ubuhungiro”

U Rwanda rusozera itangazo ryarwo ruvuga ko ishami rya ONU ryitaho impunzi kw’isi, HCR, ryigenza nk’iririko ritesha agaciro umutekano warwo mu butungane bw’Ubwongereza. Ibi, U Rwanda ruvuga ko rutabitahura kuko hari amasezerano yamaze gusinywa yemeza ko bamwe mu bahunga intambara, bashobora kuzihungira mu Rwwanda nk’igihugu gitekanye.

Sentare nkuru y’Ubwongereza isa nk’iyafashe nka nkama ibimenyetso yahawe na HCR. Ku munsi wa mbere. Iyo sentare yasavye HCR gutanga ibindi bimenyetso vyo guha ubutungane bitarenze igenekerezo rya 28 uku kwezi kwa gatandatu.

HCR yatanze ibimenyetso vy’ibanze ku munsi wa mbere, aho yari yahawe umwanya wo kugira ico ivuga imbere ya sentare nkuru y’Ubwongereza ku masezerano yo kurungika bamwe mu bimukira b’ico gihugu mu Rwanda.

Forum

XS
SM
MD
LG