Uko wahagera

Somaliya: Abantu 55 Baguye mu Ngwano Hagati y'Amoko


Abarwanyi ba al Shaabab ni bamwe mu bateza umutekano muke muri Somaliya
Abarwanyi ba al Shaabab ni bamwe mu bateza umutekano muke muri Somaliya

Ingwano hagati y'imiryango yo mu bwoko bwo muri Somaliya iri mu gice co hagati muri ico gihugu yahitanye abantu batari musi ya 55.

Uretse abapfuye muri iyo ngwano, abandi bagera kw’ijana na mirongo itanu na batanu barakomeretse nk’uko vyatangajwe, kuri uyu wa mbere, n’ababa mu gice co hagati muri Somaliya hamwe n’abategetsi bajejwe amagera y’abantu baho. Reta ya Somaliya ihanganye n’ibibazo vyo guhagarika uruhagarara rwatewe n’umurwi Al-Shabab ukorana n’umurwi al-Qaida. Ihanganye kandi n’ugutana mu mitwe hagati y’imiryango igize ubwoko bw’Abasomali, igwanira ubutaka n’amazi muri Somaliya.

Ugutana mu mitwe hagati y’imiryango y’aba Dir n’aba Marihan, yari yagiye hamwe mu rugamba rwo gutuza abarwannyi b’umurwi al-Shabab mu ntara ya Galmudug iri hagati muri Somaliya, yadutse ku musi wa gatandatu w’indwi irangiye mu bisagara vya Abudwaq na Herale. Iyo miryango irwanira ubutaka inka zirishamwo n’ibice birimwo amazi. Farah Nur, ayoboye umwe mu miryango iba mu gice co hagati muri Somaliya, aba mu gisagara ca Herale, yatangaje ko inteko za reta zaje gutabara zitevye.

Uwo mutegetsi Farah Nur yavuze ko abantu 55 baza bamaze gupfa bari mu miryango yatanye mu mitwe. Yasiguye ko vyari vyoroshe guhagaka ugutana mu mitwe hagati y’iyo miryango, ko yamara bitabaye. Abakozi bo mu bitaro biri mu bisagara vya Herale na Abudwaq hamwe n’ibindi bisagara vyo hafi yaho bemeje ko bavuye abantu 115 bari bakomeretse. Abapfuye baciye bashingurwa buno nyene. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG