Uko wahagera

Igitero Isirayeri Yagavye Mu ntara ya Gaza Cahitanye Abantu 33


Inteko za Isirayeri zagavye igitero kw’ishure rya ONU riri hagati mu ntara ya Gaza
Inteko za Isirayeri zagavye igitero kw’ishure rya ONU riri hagati mu ntara ya Gaza

Abajejwe amagara y’abantu muri Palestina batangaza ko igitero ingabo za Isirayeri zagavye kw’ishure rya ONU riri hagati mu ntara ya Gaza cahitanye abantu 33.

Ingabo za Isirayeri zavuze ko ishure zagavyeko ico gitero ari kimwe mu birindiro abarwanyi ba Hamas babamwo bakanakoresha mu kuyigaba ibitero bise ivy’iterabwoba.

Ibiro bijejwe kumenyesha amakuru vya Hamas vyiyamirije ivyavuzwe na Isirayeri. Vyavuze ko Isirayeri yakoze igitero c’ubugome ku nzirakarengane zahunze. Ivyo biro mw’itangazo vyavyo vyabandanije gusigura ko mu bo ico gitero cahitanye, harimwo abagore 23 n’abana batatangajwe igitigiri.

Coloneri Peter Lerner avugira igisirikare ca Isirayeri yabwiye abamenyeshamakuru ko ata musivire n’umwe igitero cabo cahitanye.

Hagati aho, Leta zunze ubumwe za Amerika n’ibindi bihugu vyo mu makungu birimwo Argentine, Brezile, Canada, Colombiya, Burugari, Colombiya, Danemarake, Esipanye, Ubufaransa, Ubudagi, Polanye, Portugal, Rumaniya, Serebiya, Tayilande na Ostrariya vyasohoye itangazo risaba Hamas na Isirayeri gushira mu ngiro bidatevye agahengwe k’indwi zitandatu kasabwe na Prezida Joe Biden wa Amerika.

Bimwe mu bikorwa vyoherekeza ako gahengwe k’intambara Prezida Biden asaba, birimwo kurekura imbohe z’intambara ziri mu minwe ya Hamas, no kwiga ingene intambara yohera burundu.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryasohoye kandi raporo nshasha igabisha ko umuriyoni w’abanyagihugu ba Palestina bashobora kugarizwa na kigoyi bitarenze mu kwezi kw’indwi.

Iyo raporo yerekanye ko ibibazo bibahanze birimwo ikena ry’imfungurwa, iry’amazi, imiti, abaganga hamwe n’igitoro.

Forum

XS
SM
MD
LG