Uko wahagera

Uburusiya Bugabisha Ubufaransa ku Mugambi wo Kumenyereza Ingabo za Ukraine


Prezida w'Ubufaransa kumwe n'uw'Uburusiya
Prezida w'Ubufaransa kumwe n'uw'Uburusiya

Uburusiya bwatangaje ko Ubufaransa bukaramuka buhaye Ukraine abamenyereza ingabo zayo mu vya gisirikare, buzobifata nk’igitero bugabweko.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburusiya n’ayandi makungu, Sergei Lavrov, yagize ati:" Baba abamenyereza b’abasirikare, baba abacangero Ubufaransa bworungika muri Ukraine tuzobifata nk’igitero ico gihugu kigavye ku ngabo zacu”.

Sergei Lavrov yabandanije avuga ko baba abamenyereza b’Ubufaransa canke abavuye mu kindi gihugu, ata budahangagwa bazigera baronka mu ntambara Ukraine ihanganyemwo n’Uburusiya.

Lavrov yashimangiye ko yibaza y’uko Ubufaransa bushobora kuja bwoba bwaramaze kurungikira Ukraine abamenyereza mu vya gisirikare.

Aya amajambo yose Sergei Lavrov yayavugiye mu kiganirio yagiranye n’anbamenyeshamakuru mu rugendpo ariko akorera muri Kongo Brazaville. Ico kiganiro yagikoze ari kumwe na Prezida w'ico gihugu, Denis Sassou N'Guesso.

Umwe mu bategetsi b’igisirikare ca Ukraine mu ndwi iheze yatangaje ko igihugu ciwe kiri mu myiteguro yo kwakira abamenyereza mu vya gisirikare. Ntiyigeze ariko avuga igihugu kizobarundika.

Ku rundi ruhande, Prezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron yanse kugira ico avuga kuri ano makuru, avuga ko ataco yovuga ku "bihuha canke imigambi itaraja mu ngiro."

Ku munsi wa gatanu, Prezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky azoba ari mu Bufaransa. Imibonano azogirana n’abategetsi b’ico gihugu barimwo Prezida Emmanuel Macron izoba ishimikiye ahanini ku bufasha bw’Ubufaransa mu gufasha Ukraine kwivuna Uburusiya (AFP).

Forum

XS
SM
MD
LG