Uko wahagera

Megizike Yaronse Umukenyezi wa Mbere Abaye Umukuru w'Igihugu


 Claudia Sheinbaum yatsinze amatora muri Megizike
Claudia Sheinbaum yatsinze amatora muri Megizike

Claudia Sheinbaum yatsindiye amatora y’umukuru w’igihugu muri Megizike, akaba agiye kuba umukenyezi wa mbere ayoboye ico gihugu co muri Amerika yo hagati.

Claudia Sheinbaum, n’umuhinga mu bidukikije, akaba kandi yahoze ari umuyobozi w’umurwa mukuru wa Mexike. Abaye umukenyezi wa mbere astindiye ikibanza c’umukuru w’igihugu mu mateka y’imyaka 200 y’ico gihugu.

Sheinbaum yari acudikanye n’uwari asanzwe ayoboye igihugu, Prezida Andrés Manuel López Obrador. Yiyemeje kubandanya mu nzira uwuhavuye yari arimwo. Sheinbaum yavuze ko abo bahiganywe, Xóchitl Gálvez hamwe na Jorge Álvarez Máynez, bamaze kumukeza ku ntsinzi yiwe.

Aho yariko araramutsa abamushigikiye mu kibanza kiri hagati mu gisagara gikuru ca Mexique ciswe Zocalo, Sheinbaum yagize ati “Ndiyemeje kutazobahemukira”

Inyuma yaho ibitigiri vy’amajwi vyari bimaze kurenga igice cayo, ibiro vy’igihugu bijejwe amatora vyatangaje ko Sheinbaum yari afise ibice biri hafi ya 60 kw’ijana birenga, uwo bahiganywe Gálvez akagira ibice birenga gato 28 kw’ijana. Máynez nawe, aronka ibirenga gato ibice 10 kw’ijana.

Umugambwe wa Sheinbaum, Morena nawo nyene wari usanzwe witezwe gutsindira inama nshingamateka na nkenguzamateka.

Sheinbaum azoba kandi abaye umuntu wa mbere afise amamuko y’abayahudi atsindiye ikibanza c’umukuru w’igihugu, muri ico gihugu kigizwe ahanini n’abo mw’idini Katolika.

Sheinbaum azotangura kuyobora igihugu guhera kw’itariki imwe z’ukwezi kwa cumi uyu mwaka.

Forum

XS
SM
MD
LG