Uko wahagera

DRC: Hasigaye Ibirometero Bike ngo Abarwamyi ba M23 Binjire Kanyabayonga


Bamwe mu banyagihugu baba mu gisagara ca Kanyabayonga
Bamwe mu banyagihugu baba mu gisagara ca Kanyabayonga

Muri Republika ya demokarasi ya Kongo, abanyagihugu bo mu gisagara ca Kanyabayonga kitari kure cane n’ica Goma baraye barahunga.

Itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, rivuga ko umwe mu bategetsi ba Kongo atashimye ko amazina yiwe atangazwa, yaribwiye ko ku mugoroba w'uno munsi ku wa kane, abarwanyi ba M23 bari basigaje ibirometero bitanu gusa ngo binjire muri ico gisagara.

Uwo mutegetsi yagize ati: “ Ibintu bimeza nabi cane.” Uwundi munyagihugu yavuganye na AFP nawe yagize ati: “ Igisagara ca Kanyabayonga gihava gisigara kigaragara.”

Igisagara ca Kanyabayonga gifatwa nka kimwe mu bisagara bikomeye vyo mu ntara ya Kivu ya Ruguru.

Ubundi burere bwiriwemwo intambara, ni Masisi no mu micungararo ya Sake.

Amashirahamwe aharanira agatka ka zina muntu yemeza ko ku wa mbere abarwanyi ba M23 bigaruriye igisagara kindi citwa Kyaghala. Ababa muri ico gisagara baciye bahungira mu gisagara ca Kanyabayonga gishobora kugwa mu minwe ya M23 umwanya n’umwanya. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG