Uko wahagera

Amerika Igiye Kuduza Ibitigiri vy'Abakoresha Interneti muri Afurika


Kamala Harris agendera Tanzaniya
Kamala Harris agendera Tanzaniya

Icegera ca prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Kamala Harris, yatangaje ubufatanyabikorwa bushasha kugira ibice 80 kw'ijana vy'ababa ku mugabane wa Afrika, bashobora gukoresha uburyo bwo guhanahana amakuru biciye mu buhinga bwa interneti, mu mwaka w’i 2030.

Urwo rugero ruzoba ruvuye ku bice 40 kw’ijana vy’abashobora gukoresha interneti ku mugabane wa Afrika muri iki gihe. Iyo migambi ishikirijwe inyuma y’urugendo yagize ku mugabane wa Afrika mu mwaka urangiye hamwe n’inyuma y’urugendo prezida wa Kenya, William Ruto agirira muri Amerika muri iyi ndwi

Kamala Harris na Prezida Ruto, kuri uyu wa gatanu, babonanye mu kigo kijewe ubudandaji muri Amerika i Washington DC. Baganiye ku kugene abari mu gisata ca reta n’abo mu gisata c’abikorera ku giti cabo bashobora gukorana mu ntumbero yo kwongereza ubutunzi.

Icegera ca Prezida wa Amerika, Kamala Harris ashaka gushira mu bikorwa ivyo yemeye vyo gukomeza uburyo bwo guhanahana amakuru biciye mu buhinga bwa Interneti igihe yagendera ibihugu vya Ghana, Tanzaniya na Zambiya.

Uretse umugambi ugenewe kwongereza urugero rw’ababa ku mugabane wa Afrika, Kamala Harris yatangaje kandi umugambi mushasha ugenewe guha Abanyafrika imiliyoni 100 bakora mu gisata c’uburimyi, uburyo bwo gushobora gukoresha ubuhinga bwo guhanahana amakuru bwa none. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG