Uko wahagera

Perezida wa Zambiya Ahanganye n'Uwo Yasimbuye Edgar Lungu


Edgar Lungu akiri perezida wa Zambiya
Edgar Lungu akiri perezida wa Zambiya

Mu butumwa Edgar Lungu yashize ku rubuga Facebook, ejo ku musi wa gatatu, yatangaje ko igipolisi kiriko kirategura kumuhagarika mw’ijoro ku muhana iwe ku murwa mukuru wa Zambiya, Lusaka.

Ivyatangajwe na Edgar Lungu vyakwirikiye ivyo asa n’uwavuze ko reta ishobora guhinduka imbere y’amatora yo mu mwaka w’i 2026. Ivyo yatangaje vyaranabaguwe n’abanyapolitike batavuga rumwe na reta, hamwe n’abaserukira amashirahamwe aharanira inyungu z’abanyagihugu.

Umutegetsi mukuru w’igipolisi ca Zambiya, Graphael Musamba, yavuze ko Lungu azotumwako kugira asigure ivyo yatangaje bigumura abanyagihugu. Ibinyamakuru vyo muri Zambiya vyavuze ko igipolisi kitariko gifata minenerwe ivyo Lungu yatangaje.

Ivyatangajwe na Edgar Lungu ko apfungiwe icamaso i muhira iwe kandi ariko atotezwa n’igipolisi vyarateye impungenge ku vyerekeye demokrasi n’agateka ka muntu muri Zambiya. Lungu, anebagura bikomeye Reta ya Prezida Hakainde Hichilema, atangaza ko ariko aratotezwa.

Umuyobozi w’igipolisi Musamba yavuze ko urwego ashinzwe ruriko ruragira itohoza. (AFRICANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG