Uko wahagera

Uburaya Burahangayikishijwe n'Umutekano Muke muri Cadi


ABasirikare b'Abafransa barinze ikigo cabo mu murwa mukuru N'Djamena
ABasirikare b'Abafransa barinze ikigo cabo mu murwa mukuru N'Djamena

Inyuma y’imisi ine iheze Jenerali Mahamat Idriss Deby Itno atsindiye amatora y’umukuru w’igihugu muri Cadi, ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya rivuga ko ritewe amakenga n’umutekano muke wibonekeza muri ico gihugu.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP rivuga ko ku musi wa kane w’indwi iheze inyuma y’aho batangarije ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu abasirikare bararashe amasasu mu kirere mu ku murwa mukuru wa N’Djamena. Vyari mu ntumbero yo kwigina iyo ntsinzi, ariko kandi no buryo bwo kwomora abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ivyavuye mu matora.

Ahandi naho ibimenyeshamakuru vyo muri Cadi vyatanganje ko hariho abasize ubuzima hamwe n’abakomerekejwe n’iryo rasa ry’amasasu mu kirere. Yamara reta ntiyashimye gutanga igitigiri c’abantu bahitanywe navyo. Ivyo binyamakuru bivuga kandi ko reta yabujije ibitaro navyo nyene gutangaza ibitigiri vy’abaguye muri iryo himbazwa ry’intsinzi, bakavuga ko ari mu ntumbero yo “kwubahiriza amabanga y’umwuga w’ubuvuzi”.

Abanyagihugu bashigikiye Deby bakoresheje inkoho zabo mu kirere mu buryo bwo guhimbaza intsinzi yiwe, aho igihe bari hafi y’ikirimba c’umukuru w’igihugu.

Itororokanirizo AFP ritangaza ko urwaruka rw’imikangara ibiri yakomerekejwe n’amasasu yaguye ava mu kirere.

Ivyo biri uko mu gihe hari abasirikare ba Cadi benshi barungitswe mu ducimbiri tutari duke tw’igisagara ca N’Djamena ku musi wa gatanu gucungera umutekano.

Forum

XS
SM
MD
LG