Uko wahagera

Uganda: Sentare Yanse Gufuta Itegeko Rigwanya Ababana Basangiye Igitsina


Sentare yo muri Uganda yiyamirije ingingo yashikirijwe, isaba gufuta itegeko rigwanya abubakana basangiye ibitsina.

Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro yemeje iryo tegeko rigwanya abubakana basangiye ibitsina, rikanatanga ububasha bwo kwica abagirizwa ivyaha bikomeye cane, bijanye n’uwo mugenzo.

Prezida Yoweri Museveni yateye igikumu kuri iryo tegeko mu kwezi kwa gatanu kw’umwaka uheze. Iryo tegeko rirashigikiwe na benshi mu bihugu vy’ubuseruko bwa Afrika, ariko abaharanira agateka ka zina muntu n’abatari bake mu bihugu vyo mu mahanga bararirwanya.

Abaharanira agateka ka muntu bararwanije iryo tegeko mu butungane, yamara umucamanza yasubije inyuma imburano zabo. Yavuze ko ryatowe n’inama nshingamateka kandi ko ridateye kubiri n’ibwirizwashingiro.

Richard Buteera, icegera c’umucamanza mukuru muri iyo sentare, yavuze ati: “Ntidushobora gufuta itegeko rihana abakundana basangiye ibitsina ryatowe mu mwaka wa 2023.

Yamara Sentare yategetse ko abantu bakundana basangiye ibitsina batokumirwa mu gihe bariko bararondera imiti yo kwivuza. Butera yagize ati, “bakwiye kwemererwa kuvugwa, kandi ntibakumirwe.

AP

Forum

XS
SM
MD
LG