Uko wahagera

Afurika y'Epfo: Umukuru w'Inama Nshingamateka Ashobora Gupfungwa


Nosiviwe Noluthando Mapisa-Nqakula uyoboye inteko ishinga amategeko y'Afurika y'Epfo
Nosiviwe Noluthando Mapisa-Nqakula uyoboye inteko ishinga amategeko y'Afurika y'Epfo

Sentare yo muri Afrika y’Epfo yatangaje ko umukuru w’inama nshingamateka ashobora gufatwa n’igipolisi ku vyaha vya ruswa.

Mu ndwi iheze ni ho Mapisa-Nqakula yasaba vyihutirwa ko ingingo yo kumuhagarika yofutwa.

Yamara umucamanza wa sentare nkuru yo mu buraruko bw’intara ya Gauteng mu gisagara ca Pretoria yateye ivyatsi ivyasabwe na Mapisa-Nqakula.

Mapisa-Nqakula asanzwe ari mu bategetsi bakomeye mu mugambwe uri ku butegetsi African National Congress -ANC, yagirizwa ruswa yariye igihe yari umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi.

Ubushikirizamanza bumwagiriza kuba yarahahwe igiturire incuro 11, kingana n’amadolari y’amanyamerika ibihumbi 135. Ivyo vyabaye hagati y’ukwezi kwa cumi na kabiri mu mwaka w’2016 n’ukw’indwi kwa 2019.

Ibiro vy’umushikirizamanza bivuga kandi ko yasavye iyindi ruswa ingana n’ibihumbi 105 vy’amadolari y’amanyamerika ariko akaba atashoboye kuyaronka.

Abashingamateka batavuga rumwe na reta basaba ko atanga imihoho, akava ku mwanya w’umukuru w’inama nshingamateka, kubera ivyo vyaha yagirizwa.

AP

Forum

XS
SM
MD
LG