Umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri Benjamin Netanyahu yatangaje ko agiye kwugaza ikinyamakuru, Al Jazeera, co mu gihugu cya Qatari, mu gihugu ciwe.
Netanyahu yavyanditse ku rubuga rwa X rwahora rwitwa twitter, agira ati "Uwo muhora w’abagizi b’iterabwoba Al Jazeera ntuzosubira gukorera muri Isirayeri. Nditeguriye kuwuhagarika biciye mw’itegeko rishasha rihagarika ibikorwa vu’uyo murwi."
Yabivuze mu gihe kuri uno wa mbere inama nshingamateka yatoye itegeko ryemerera reta guhagarika ibitangazamakuru mpuzamakungu bibangamiye umutekano w’igihugu.
Iryo tegeko ryatowe n’amajwi 70 kw’100, rikaba riha umushikiranganji wa mbere hamwe n’uwujejwe itangazamakuru, ububasha bwo guhagarika ibimenyeshamakuru mvamakungu bikorera muri Isirayeri, mu gihe vyiketswe kubangamira umutekano w’igihugu.
Ibiro vya prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika vyavuze ko uyo mugambi wa Netanyahu uteye amakenga.
Forum