Uko wahagera

Igitero ca Bombe Cahitanye Abana 9 muri Afuganistani


Muri Afuganistani igitero ca bombe cahitanye abana icenda. Ni kimwe mu bimbobe vyari vyatezwe igihe intambara zahitiye muri ico gihugu. Casambutse igihe umurwi w’abana b’abahungu n’abakobwa bariko barayikinisha.

Ivyo vyabaye mu gacimbiri ka Geru mu ntara ya Ghazni, nk’uko vyatangajwe n’umuvugizi wa buramatari. Kuri uno musi wa mbere ku rubuga rwabo rwa X, ibiro vya ONU muri Kabul vyavuze ko muri Afuganistani abasivile ibihumbi n’ibihumbi harimwo abakenyezi n’abana bicwa canke bakomeretswa n’amabombe yatezwe mu bihe vy’intambara.

ONU yanditse kuri urwo rubuga rwahoze rwitwa twita, ivuga iti: “Imirwi itunganya ibikorwa vyo kurondera no gusambua izo bombe zatezwe, imaze kubikora mu karere kangana n’ibirometero ibihumbi bitatu na cumi na kimwe”.

ONU irasaba kandi ishimitse ko “ibindi bikorwa” bikeneye gukorwa kugira Abanyafuganistani bamaze imyaka itari mike bahanzwe n’intambara, bakingirwe.

Afuganistani yaraciye mu bihe vy’intambara ya gisivile mu myaka y’i 1990 inyuma y’aho Uburusiya buviriye muri ico gihugu, aho bari bamaze imyaka itari mike mu bikorwa vyo kugarura umutekano.

Forum

XS
SM
MD
LG