Kwubaka ikiraro gishasha gisubirira ikiraro Key Bridge casenyutse ku musi wa kabiri mu gisagara ca Baltimore, muri reta ya Maryland, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, bishobotra kuzofata imyaka itari mike, bikanatwara gutwara n’imiburiburi imiliyoni 400 y'amadolari.
TIP:Rebuilding Baltimore's collapsed Francis Scott Key Bridge could take anywhere from 18 months to several years, experts say, while the cost could be at least $400 million — or more than twice that.
Abahinga bavuga ko kwubaka ico kiraro bishobora gufata hagati y’amezi 18 n’imyaka itari mike. Ni mu gihe amafaranga gishobora kuzotwara azoba ari imiliyoni 400 n’imiburiburi, canke ayarenga incuro zibiri z’ayo.
Vyose bizova ku bintu bitari bike, vyinshi muri vyo bitaramenyekana, birimwo kwiyumvira ukugene ico kiraro gishasha kizoba kimeze, n’ukugene abategetsi ba reta bazokwihutira gupfundika amasezerano n’abazoba bajejwe kucukaba.
Ben Schafer, yigisha ivyerekeye inyubako muri kaminuza ohns Hopkins, mu gisagara ca Baltimore, yavuze ko bishobora kuzofata hagati y’imyaka itanu n’imyaka indwi. Sameh Badie, yigisha ivyerekeye inyubako, kuri kaminuza ya George Washington University, mu gisagara ca Washington DC, we yatangaje ko
ibikorwa vyo kwubaka ikiraro gishasha kizosubirira ikiraro casenyutse Key Bridge, bishobora kuzofata hagati y’amezi 18 n’imyaka ibiri.
Ikiraro ca Key Bridge, casenyutse ku musi wa kabiri, gihitana abanu 6 bariko bagikorako. Hari inyuma y’uko ubwato butwara ibidandazwa bwitwa Dali busetse imwe mu nkingi zaco.
Abategetsi ba reta ya Maryland, bariko bihutira gukuraho ibisigarira vy’ico kiraro no gusubira kucubaka, inyuma y’isanganya ryo ku musi wa kabiri. Iryo sanganya ryatumye imirimo ku kivuko ca Baltimore, ihagarara. (AP)
Forum