Uko wahagera

ONU Isaba Ubwongereza Guheba Umugambi wo Kurungika Abimukira mu Rwanda


Igisata ca ONU kijejwe agateka ka zina muntu gisaba Ubwongereza guheba umugambi wo kurungika bamwe mu bimukira bari ku butaka bwabwo mu Rwanda.

Mu bikorwa vyo kugenzura Ubwongereza vyabereye I Geneve mu Busuwisi ahari, akanama ka ONU kajejwe agateka ka zina muntu, kavuze ko kababajwe n’amasezerano Ubwongereza bwagiranye n’u Rwanda.

Ku bw'ako kanama, Ubwingereza bwemeje ko u Rwanda ari igihugu abimukira bashobora kubamwo batekaniwe, bwirengagije ko sentare nkuru yabwo yatomoye ko amasezerano yabwo n’u Rwanda anyuranye n’amategeko mpuzamakungu.

Abagize ako ka nama basavye bashimitse reta y’Ubwongereza gutesha agaciro integuro y’itegeko iganisha kuri ayo masezerano, iyo nteguro yaramuka yemejwe nk’itegeko, Reta ikarisesa.

Igenekerezo rya 15 ukwezi kuza kwa kane, ni ho inama nshingamateka y’Ubwongereza izorimbura integuro y’itegeko ririmwo ahanini ingingo zemeza ko “ U Rwanda ari igihugu gitekanye ku bimukira.”

Forum

XS
SM
MD
LG