Uko wahagera

Zuma Yahoze ari Prezida wa Afurika y’Epfo Yavanywe ku Rutonde rw'Abazokwiyamamariza Amatora


Jacob Zuma yahoze ari prezida wa Afurika y’Epfo
Jacob Zuma yahoze ari prezida wa Afurika y’Epfo

Umurwi utegura amatora muri Afurika y’Epfo wavanye Jacob Zuma yahoze ari prezida ku rutonde rw’abemerewe kuzokwiyamamariza amatora.

Mosotho Moepya atwara uyo murwi, yabwiye abamenyeshamakuru ko umugambwe wari wamutanze nk’umukandida wabimenyeshejwe. Moepya yirinze gutangaza icatumye Zuma atemererwa kuba umukandida.

Jacob Zuma n’umugambwe wari wamutanze nka kandida wawo, bafise kugera kw’igenekerezo rya kane z’uku kwezi kugira bitwarire ino ngingo.

Zuma yokwitojeje ku ruhande rw’umugambwe, Umkhonto We Sizwe, utavuga rumwe n’ubutegetsi. Gushigikira uwo mugambwe vyatangaje abatari bake, kuko yahoze afatwa nka bimwe mu bicocoro vyo mu mugambwe ANC umaze imyaka irenga 30 ku butegetsi bwa Afurika y’Epfo.

Amatohoza afatiye ku vyiyumviro bitandukanye, yerekana ko kuba Zuma ashigikiye umugambwe, Umkhonto We Sizwe, vyatesheje amajwi ANC.

Ababikurikiranira hagufi, bemeza ko ku ncuro ya mbere mu mateka yawo, umugambwe ANC ushobora kutazotwara ibibanza vyinshi mu nama nshingamateka.

Igenekerezo rya 29 ukwezi kwa gatanu, ni ho abanyagihugu ba Afurika y’Epfo bazotora abashingamateka bashasha. Abazotorwa, bazoheza nabo bace batora prezida.

Urutonde ntabanduka rw’abemerewe kuzohiganira kuyobora Afurika y’epfo ruzotangazwa mu minsi 15. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG