Bassirou Diomaye Faye, w’imyaka 44 ni we aza imbere mu bafise amajwi menshi mu matora ya prezida wa Senegali.
Bamwe mu bahiganywe na Diomaye barimwo abo mu mugambwe uri ku butegetsi, bemeye ko batsinzwe.
Amadou Ba, umunyapolitike yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Senegali akaba ari nawe yaserukiye urunani rw'imigambwe iri ku butegetsi muri ayo matora, yahamagaye Bassirou Diomaye Faye, amukeza ku intsinzi.
Bassirou Diomaye Faye, ni yo yamara kurahirira amabanga yo gutwara Senegali, azoba abaye uwa mbere atwaye ico gihugu afise imyaka mike gusumba abandi bose bagitwaye.
Umunyepolitike Agathon Rwasa atavuga rumwe na reta y’Uburundi, ari mu ndorerezi mvamakungu zatumiwe guhagararira amatora ya Senegali.
Mu kiganiro Rwasa yagiranye n’Umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika, Diane Nininahazwe, yavuze ko amatora ya Senegali yagenze neza cane.
Muri ico kiganiro, Rwasa yasiguye kandi ko ibihugu birimwo Uburundi “Aho amatora umenga ni isoko ry’ingorane, vyari bikwiye kwigira kuri Senegali."
Forum