Uko wahagera

Amerika Ibandanya Utwigoro two Kurondera Amahoro muri Gaza


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Antony Blinken, kuri uyu wa gatatu, yashitse muri Arabiya Sawudite kuganira n'abategetsi b'ico gihugu ku twigoro two gushika ku gahengwe mu ntara ya Gaza, hamwe no kwongereza imfashanyo zigenewe abanyagihugu bo muri iyo ntara.

Antony Blinken yakiwe n’umuganwa nyen’ingoma wa Arabiya Sawudite, Mohammed bin Slman, igihe yashika mu gisagara ca Jeddah. Yabanjirije muri Arabiya Sawudite mu rugendo rugira urwa gatandatu agize mu karere ko mu buseruko bwo hagati bw’isi kuva ingwano hagati ya Israyeri n’umurwi Hamas itanguye kw’italiki 7 y’ukwezi kw’icumi.

Bitegekanijwe ko ejo ku musi wa kane, Antony Blinken aja mu gihugu ca Misiri, gihana urubibe n’intara ya Gaza. Abategetsi ba Misiri baragize uruhara mu twigoro two guhuza Israyeri n’umurwi Hamas.

Mu rugendo rwiwe muri Arabiya Sawudite na Ministiri, Blinken azohganira ku twigoro two gushika ku masezerano yo guhagarika ingwano bidatevye kugira vyihutishe umugambi wo kurekura abagizwe imbohe n’umurwi Hamas. Iyo nkuru yatangajwe ku musi wa kabiri n’umuvuguzi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika, Matthew Miller.

Blinken azoganira kandi n’abategetsi ba Arabiya Sawudite na Misiri ku migambi yerekeye ikiringo c’inyuma y’intambara mu ntara ya gaza.

Ku musi wa kabiri, Blinken yaratangaje ko abanyagihugu bose baba mu ntara ya Gaza basinzikajwe bikomeye no kubura ibifungurwa muri iki gihe. Prezida wa Amerika, Joe Biden ariko araremera umushikiranganji wa mbere wa Israyeri, Benjamin Netanyahu kugira inteko ziwe zirwanira ku butaka ntizikore ibitero mu karere ka Rafah. (AFP)

Forum

XS
SM
MD
LG