Uko wahagera

Prezida wa Kenya Yemeje Itegeko Ryorohereza Abanyagihugu Bafise Uburyo Buke bwo Kugura Inzu


Prezida wa Kenya, William Ruto, yateye umukono kw'itegeko ryorohereza Abanyakenya bafise uburyo bubayabaye mu bijanye no kugura inzu.

Prezida William Ruto yateye igikumu kuri iryo tegeko ridahuriweko na bose. Rizoha uburengenzira reta bwo kubandanya gukura 1.5 kw’ijana ku mishahara abakozi bahembwa ku kwezi.

Iryo kori rifise intumbero yo gufasha kwubaka inzu zigenewe abanyagihugu bafise uburyo bubayabaye. Ivyo ni mu gihe gushira mu ngiro iryo kori vyanebaguwe n’abatari bake.

Abatavuga rumwe na reta hamwe n’abandi banyagihugu badashigikiye iyo ngingo berekanye ko itabashimishije na gato. Bavuze ko ari irindi kori ryongereza uburemere ku banyagihugu, ryiyongera ku yandi makori n’amatagisi mashasha atari make yashizweho na reta mu gihugu.

Ibibazo bijanye n’amategeko vyari vyatebesheje imbere y’aho iyemezwa ry’itegeko rishiraho iryo kori. Umucamanza yari yarihagaritse kubera ritari risobanutse neza. Yamara naho abatavuga rumwe na reta bari barirwanije, iryo tegeko ryarahinyanyuwe, mu nyuma yahoo, riremezwa n’abagize inama nshingamateka mu ndwi irangiye.

Reta ya Kenya yatangaje ko kwongereza amafranga avuye mu makori n’amatagisi ari nkenerwa kugira bigabanye ikibazo c’amafranga reta ikoresha, vyongere bitume haboneka amafranga reta ikeneye kugira ironse abanyagihugu ibintu vya nkenerwa bakeneye.

Reta ya Prezida Ruto ifise imigambi yo kwubaka inzu 200, 000 zigenewe abanyagihugu bafise uburyo bubayabaye uko umwaka utashe. Yizeye kandi ko bizotuma haboneka ubuzi burenga 600,000. (AFRICANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG