Uko wahagera

Tanzaniya: Impunzi z'Abarundikazi Bafise Abagabo Bapfunzwe Bemeza ko Badahabwa Amakuru Yabo


Bamwe mu Bapfasoni n'abana bahungiye muri Tanzaniya.
Bamwe mu Bapfasoni n'abana bahungiye muri Tanzaniya.

Abakenyezi bo mu nkambi za Nduta na Nyarugusu bubakanye n’abagabo bafungiwe mu busho butandukanye mu gihugu ca Tanzaniya, babuze ayo bacira n’ayo bamira. Ni mu gihe batamenya yuko abagabo babo bakiriho cibure boba barishwe.

Ijwi ry’Amerika kuri uyu wa kabiri ryatembereye mu nkambi ya Nduta zone ya kane kumviriza ibibazo bihangayishije impunzi, cyane cyane muri iki gihe reta ya Tanzaniya iriko irahamagarira impunzi gutaha ku bwinshi.

Gusa umubabaro ni mwinshi kuri bamwe mu bakenyezi bubakanye n’abagabo batawe muri yombi mu gihe batazi insiguro bazoha imiryango yabo mu Burundi. Bavuga ko ata makuru baronswa na reta ya Tanzaniya mu bijanye n’impunzi zifungwa zagirizwa amakosa atandukanye.

Hafi abagabo 124 bo mu nkambi za Nduta na Nyarugusu bafungiwe mu busho butandukanye mu gihugu ca Tanzaniya bagirizwa amakosa arimwo gushakisha akazi n’ubwenegihugu mu buryo butemewe n’amategeko.

Ibibazo vy’impunzi; kwagirizwa amakosa, gufungwa abandi kuburirwa irengero no kwicwa vyama vyabaye hafi buri mwaka .

Kugeza ubu, inzego zijejwe umutekano ntizishira ahabona amakuru y’abafunzwe, ababurirwa irengero cibure abicwa. Ibi bituma ibitigiri vy’abapfakazi n’imfubyi bitera vyiyongera mu nkambi.

Reta ya Tanzaniya imaze igihe ihamagarira impunzi z’Abarundi gutaha yitwaza ko amahoro n’umutekano vyagarutse mu gihugu cabo. Tanzaniya kandi yaratangaje imigambi yo kuzokugara ikambi ya Nduta hatarenze uyu mwaka turimwo.

Mu bitigiri bitangwa n’igipolisi mu ntara ya Kigoma hafi impunzi 95 barafungwa uko mwaka utashe, bazira amakosa atandukanye. Yamara, imiryango yabo kenshi ntimenya amaherezo y’abafungwa, bigatera umwidogo n’umutekano muke.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya James Jovin.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:33 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG