Abajejwe gucungera umutekano w’inkengera z’ibahari muri Esipanye bavuga ko abantu babiri bitabye Imana, barokora abantu 38 mw’isanganya ry’ubwato bwagana kw’izinga rya Canariya.
Ubwato bw’abadandaji bwabonye iryo sanganya ku birometero 140 mu bumanuko bwa Gran Canariya, ejo ku musi wa mbere.
Abajejwe gutabara imbabare muri Esipanye bavuga ko ubuzima bwa bane mu barokowe bwari bugeramiwe cane baca batwarwa mu bitaro, hakoreshejwe kajugujugu zibiri. Abo bandi 34 batwawe n’ubwato ku kivuko ca Arguineguin mw’izinga rya Canariya. Muri bo harimwo abakenyezi indwi.
Abategetsi bo muri Espanye bamaze igihe bahanzwe n’ibitigiri binini cane vy’abimukira baturuka mu bihugu vya Afrika y’uburengero. Abo bantu berekeza bagana ayo mazinga ya Canariya, bomokaho binjira ku mugabane wa Buraya.
Ubushikiranganji bwa Espanye bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu buvuga ko abantu bashika ku bihumbi 12 bageze kuri ayo mazinga ya Canariya mu mezi abiri ya mbere y’uno mwaka. Ico gitigiri ciyongeyeko incuro 6 igitigiri c’abinjiye muri iki gihe nyene mu mwaka uheze. (AP)