Uko wahagera

Umushikiringanji wa Mbere wa Hayiti Yemeye Gutanga Imihoho


Abanyagihugu bari mu myiyerekano yo gusaba ko Ariel Henry atanga imihoho
Abanyagihugu bari mu myiyerekano yo gusaba ko Ariel Henry atanga imihoho

Umushikiranganji wa mbere wa Hayiti, Ariel Henry, ari muri Puerto Rico muri iki gihe, yatangaje ko azotanga imihoho, inyuma y'uko hashizweho akanama k'imfatakibanza kazoba karongoye igihugu.

Ariel Michel yagize ati: Inyuma y’uko inama y’abashikiranganji muri iri joro yemeye gushiraho akanama mfatakibanza kazorongora igihugu, abagize ako kanama bazotora inzego zitandukanye zigize ubuzima bw’igihugu zivyumvikanyeko. Reta ndongoye izoca yikuraho buno nyene, inyuma y’uko ako kanama gashizweho.

Mu nama y’abategetsi b’ibihugu bigize ishirahamwe ryo gufashanya mu vy’ubutunzi mu karere ka Karayibe, CARICOM, mu mpfunyapfunyo yabaye imbere y’aho, umushikiranganji wa mbere wa Gayana, Irfaan Ali, yatangaje ko ishirahamwe CARICOM, ryakiye kandi ryemeye ingingo yo gutanga imihoho y’umushikiranganji wa mbere wa Hayiti, Ariel Henry, mu buryo we nyene ubwiwe yayitangaje.

Abo bategetsi barabonanye mu mwiherero mu kiringo c’amasaha atari make kugira baganire ku kugene bohagarika uruhagara rurangwa muri iki gihe muri Hayiti.

Umushikiranganji wa mbere wa Hayiti, Ariel Henry, yararemewe n’abatari bake bamusaba gutanga imihoho canke akemera ko hashirwaho akanana mfatakibanza karongora igihugu.

Kuva agize urugendo hanze y’igihugu, ntiyashoboye gusubira gutahuka, bivuye ku ruhagarara n’ubwicanyi biriko bikorwa n’imirwi y’inkozi z’ikibi zigaruriye ibice nka vyose vy’umurwa mukuru, Port-au-Prince.

Iyo mirwi y’inkozi z’ikibi yarugaye kandi ibibuga vy’indege mpuzamakungu bikomeye vy’igihugu. Ariel Henry aracari muri Puerto Rico, akaba yiteguriye gutahuka muri Hayiti igihe bozoba bishoboka. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG