Uko wahagera

Senegali: Sentare y'Ubuhiriza Ibwirizwa Nshingiro Yanse Kwegeza Inyuma Amatora


Prezida wa Senegali, Macky Sall.
Prezida wa Senegali, Macky Sall.

Amatora rusangi ya Senegali azoba igenekerezo rya 24 z’uku kwezi kwa gatatu.

Prezida wa Senegali, Macky Sall, yafashe iyo ngingo, inyuma yaho sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro muri ico gihugu itomoreye ko gutunganya amatora inyuma y’igenekerezo rya 2 ukwezi kwa kane bitoba vyubahirije amatora.

Macky Sall azosozera manda yiwe itariki ya 2 y’ukwezi kwa kane, ni we yari yasavye ko amatora yegezwa inyuma, agatunganywa mu kwa gatandatu.

Ingingo ya sentare ntahinyuzwa igisohoka, Prezida Macky Sall yaciye akombora umushikiranganji wa mbere, Amadou Ba, amusubiriza n’uwari ajejwe intwaro yo hagati, Sidiki Kaba.

Ibiro vya prezida wa Senegali vyavuze ko Amadou avanywe mu mabanga yiwe kugira aronke akanya ko kwiyamamariza amatora. Ni we azoserukira umugambwe uri ku butegetsi mu matora azoba mu ndwi zibiri.

Forum

XS
SM
MD
LG