Uko wahagera

Uburusiya Burifuza Kunoza Umubano Na Nijeriya


Umushikiranganji Sergei Lavrov w'Uburusiya na mugenzi we Yusuf Tuggar wa Nijeriya
Umushikiranganji Sergei Lavrov w'Uburusiya na mugenzi we Yusuf Tuggar wa Nijeriya

Umushikiranganji aiejwe imigenderanire w'Uburusiya, Sergei Lavrov, n'umushikiranganji ajejwe imigenderansire wa Nijeriya, bagiranye ibiganiro , kuri uyu wa gatatu, ku murwa mukuru w'Uburusiya, Moscou.

Sergei Lavrov na Yusuf Tuggar baganiye ivyerekeye imigenderanire yo muri kazoza hagati y’ibihugu vyabo vyompi. Lavrov yabwiye Tuggar ko Uburusiya bubona Nijeriya nk’igihugu kiza ku rutonde rwa mbere mu bijanye no gukorana nabwo ku mugabane wa Afrika.

Tuggar yatangaje ko ibintu bizogenda neza kandi ko imigenderanire hagati y’ibihugu vyompi izobandanya gukomera kurushiriza.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Uburusiya, Lavov, yavuze ko igihugu ciwe kizobandanya guha imfashanyo ibihugu biri mu karere ko muri Afrika yo musi y’ubugararwa bwa Sahara kugira vyongereze uburyo bwo kwivuna umwansi.

Ako karere karimwo ibihugu vya Mali, Burkina Faso, Cadi, Nijeri na Gineya, vyarasinzikajwe n’umutekano muke mu kiringo c’imyaka itari mike.

Mu myaka cumi irangiye, imirwi y’intagondwa z’Abayislamu ikorana n’imirwi al-Qaida na Etat Islamique yarongereje inguvu n’igihagararo cayo mu karere.

Mu gihe Uburusiya buriko bunebagurwa ku bitero bubandanya gukora muri Ukraine, buriko buragerageza kwongereza inguvu n’igihagararo cabwo mu bihugu vyo mu bumanuko bw’isi.

Forum

XS
SM
MD
LG