Uko wahagera

Irani Yishe Inyonze Abanyororo 834 mu 2023


Umwe mu banyagihugu ba Irani bakinye bimanitse kugira biyamirize igihano co kunyonga abanyororo
Umwe mu banyagihugu ba Irani bakinye bimanitse kugira biyamirize igihano co kunyonga abanyororo

Mu mwaka uheze wa 2023, Irani yishe inyonze abantu 834. Abaharanira agateka ka zina muntu batanga ibi bitigiri, bavuga ko kuva mu 2015, ari ubwa mbere ivyo bitigiri bigeze kuri urwo rugero. Bemeza ko biri hejuru cane.

Mu 2015, abishwe banyonze muri Irani bari 972.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu, yavuze ko Irani ikoresha igihano c’urupfu mu gutera ubwoba abanyagihugu bakora imyiyerekano, n’abanwa ibiyatura mutwe. Mu banyongwa, harimwo abagore.

Kuva uno mwaka wa 2024, abamaze kunyongwa bagera ku 83.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu, avuga ko amakungu atokeje igitutu, ibiharuro vy’abazonyongwa uno mwaka bishobora kuzoba ari vyinshi cane.

Forum

XS
SM
MD
LG