Uko wahagera

Tchad Yatanguye Gushumbusha Abakorewe Amabi n'Ubutegetsi bwa Hissène Habré

Clement Abaifouta, atwara ishirahamwe rihurikiyemwo n'abakorewe amabi atandukanye n'ubutegetsi bwa Hissène Habré. Aha, yihanagura amosozi inyuma yo kumviriza intahe z'abahohotewe.
Clement Abaifouta, atwara ishirahamwe rihurikiyemwo n'abakorewe amabi atandukanye n'ubutegetsi bwa Hissène Habré. Aha, yihanagura amosozi inyuma yo kumviriza intahe z'abahohotewe.

Reta ya Cadi yatanguye gushumbusha abagizweko ingaruka n’ivyaha ndengerabutungane vyegekwa kuri Hissène Habré yahoze atwara ico gihugu.

Abazoshumbushwa barimwo inzirakarengane zapfungiwe ubusa, abahohotewe, n’imiryango y’abagandaguwe ku butegetsi bwa Hissène Habré, yatwaje Cadi igitugu.

Itangazo ryasohowe n’umurwi w’abashingwamanza muri Cadi, rivuga ko ibikorwa vyo gushumbusha abatandukanye bizotwara imiriyoni 15 n’ibihumbi 200 z’amafaranga y’abanyaburaya (Euros).

Abazoshumbushwa bagera ku bihumbi 10 n’amajana umunani. Umukuru w’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu ku rwego rw’igihugu muri Cadi, yavuze ko uharuye, umuntu wese azoronka impozamarira y’ama euro 1410. Iryo shirahamwe rivuga ko aya mafaranga ari make cane, ugereranije n’ayo bari barasabiwe n’amasentare atandukanye.

Sentare idasanzwe ya Afurika ishigikiwe n’Ubumwe bwa Afurika, akaba ari nayo yaciriye urubanza Habré, yari yasavye ko abakorewe amabi ku butegetsi bwiwe bagabura amamiriyoni 125 y’ama Euro.

Aya mafaranga yari kuva ahanini mu butunzi bwasizwe na Habré n’intererano y’abavyipfuza. Kugera ino saha ariko, ikigega yari gushirwamwo biciye mu bumwe bwa Afurika ntikiratangura gukora.

Umurwi wakoze amatohoza ku bwicanyi bwakozwe ku ntwaro ya Habré, werekanye ko abagera ku bihumbi 40, bagandaguwe n’ubutegetsi bwiwe.

Hissène Habré, yatwaye Cadi kuva mu 1982 gushika mu 1990. Yavuye ku butegesti biciye muri kudeta.

Amaze kuvanwa ku butegetsi, yahungiye muri Senegali, inyuma yo kwagirwa n’ivyaha ndengerabutungane birimwo ivyo gufata ku nguvu, kwica, ubucakara, kunyuruza, guhohotera kiremwa muntu n’ibindi.

Yasandabiye mw’ibohero ryo ku murwa mukuru wa Senegali, Dakar, ku myaka 79 mu 2021. Yahitanywe na Covid-19. Yari yaciriwe umunyororo wo guherayo.

Forum

XS
SM
MD
LG