Uko wahagera

Umukuru w'Igisigara Ca Bujumbura Yahagurukiye Kurwanya Umwanda

Umukuru w'igisagara ca Bujumbura Jimmy Hatungimana yahaye imisi 45 itarengwa ntirenguke abakuru b'amazone n'amakaritiye kuba barwanije umwanda, atari uko bagasezererwa mu kazi.

Yabitangaje mu nama yabakoresheje kuri uyu wa mbere mu kajoro. Avuga ko ari ingingo yo kurwanya umucafu mu murwa mukuru w'ubutunzi kubera ari wo uriko ikibuga c'indege mpuzamakungu, ufatwa nk'icirori c'igihugu.

Kubw'iwe ntawokwihanganira ko igisagara gikuru c'igihugu kigira umwanda ugera ahutuma abantu bafatwa n'indwara z'umwaka nka Kolera kandi hari abajejwe intwaro.

Haraheze indwi, umukuru w'igihugu Evaritse Ndayishimiye atangaje ko ari ibara kubona umwanda wariraye mu gisagara c'ubutunzi. Ico gihe yaragabishije ko ashobora kwihagurukira wenyene ubwiwe kuwurwanya hamwe ababijejwe, batobikora.

Prezida Ndayishimiyewe asanga ingendo y’ukudasukura aho abantu baba yerekana ikindi kintu atari ico gufata minenerwe: ukudakunda igihugu.

Muri iyo nama, umukuru w’igisagara ca Bujumburaata Jimmy Hatungimana yanatumiye abashingamateka n’abakenguzamateka batowe muri Bujumbura hamwe n’abaserukira amadini n’amashengero.

Yavuze ko abatoye nk’ivyabona kugira abakuru b’amazone n’amakaritiye ntibazohave bavuga ko bataburiwe. Mu majambo akaze yahaye abatwara ivyo bibanza imisi itarenga 45 kugira babe batoreye umuti ikibazo c’isuku rike ku murwa mukuru w’ubutunzi.

Bamwe mu banyagihugu bo mu bumanuko bwa Bujumbura babwiye Ijwi ry’Amerika ko ico kibazo cunyurwa n’amasosiyete yo gutwara iyarara adakora ico yiyemeje.

Abo mu buraruko bo basongwa cane n’imyanda yiyongera kw’ibura ry’amazi.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura yemeza ko agiye guhonyora hamwe n’ayo masosiyete.

Hafatiwe ku matohoza yo mu 2023 y;ikigo Mercer co mu Bufaransa muvyo kijejwe harimwo kuraba uko abakozi mpuzamakungu bahurumbira ibisagara bitandukanye kw’isi , Bujumbura kiza ku mwanya wa 35 kuri 47 vya Afrika abanyamahanga bahurumbira.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:59 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG