Uko wahagera

Mu Gisagara Ca Bujumbura Hatowe Gerenade

Amakuru y’ababibonye, avuga ko ivyo bisasu vyari birambitse mu kinogo  hejuru y’intsinga zikura umuyagankuba ziwurahuye kw’isoko ryawo mu kibanza, aho ushikira uvuye muri Repubulika ya Demokarasi ya Kongo.

Muri zone Buyenzi mu gisagara ca Bujumbura, kuri uyu wa mbere hatowe ibirwanisho bine, mu cumba kirimwo ibikoresho vya REGIDESO, mw'isoko ya Ruvumera.

Amakuru atangwa n'abajejwe umutekano bahashitse avuga ko ivyo birwanisho ari ivyo mu bwoko bw'ibisasu biturika.

Igihe c’isaha zine z’agatondo ni ho hamenyekana ko ibisasu ntezwantoke bine, vya gerenade vyatorwa.

Amakuru radiyo Ijwi ry’Amerika yakuye muri ico kibanza c'isoko rya Ruvumera, gitumbereye kw’ibarabara rya 21 ryo mu Buyenzi, avuga ko abakozi ba REGIDESO ari bo batanguye kubona ivyo birwanisho. Aho bari baje gukora ivyahungabanye ku murongo utanga umuyagankuba muri zone Buyenzi.

Amakuru y’ababibonye, avuga ko ivyo bisasu vyari birambitse mu kinogo hejuru y’intsinga zikura umuyagankuba ziwurahuye kw’isoko ryawo mu kibanza, aho ushikira uvuye muri Repubulika ya Demokarasi ya Kongo.

Ico kibanza cari gisamariwe n’abantu batari bake, haba ku ruhande rw’abadandaza hamwe n’abanyagihugu bakorera muri ako karere. Abajejwe umutekano, intwaro, abayobozi n’abakozi ba REGIDESO n’abandi bakaba bari muri ico kibanza.

Mu bo abakunzi b’Ijwi ry’Amerika bagerageje kuvugana na bo, nta n’umwe wemeye kugira ico atangaza.

Abasirikare bavuye mw’ikambi yo ku Muzinda ni bo baje gukuraho ivyo bisasu mu gihe c’isaha zitandatu. Vyose bikaba vyahakuwe ata na kimwe gituritse.

Ico cumba cari gisanzwe cugarwa n’abantu batatu ari na bo babika impfunguruzo z’aho. Umwe muri bo yari yaje kwugururira abakozi ba REGIDESO ngo bakore yaciye ahagarikwa abandi babiri na bo bakaba batari bwafatwe.

Abanyagihugu n’abakorera muri ako gace katowemwo ivyo bisasu ntezwantoke banse kuvugira kuri micro z’abakunzi b’Ijwi ry’Amerika. Gusa, abaduhaye aya makuru bababonye bavuga ko bamwe bari bafise ubwoba na cane cane abo mu bibanza vy’idandarizo bihegereye, bavuga ko batewe amakenga n’ivyo bisasu vyatowe muri ico kibanza kandi cari cugaye.

Bavuga ko bashima Imana ko bishoboye gutorwa bitariha inkumbi. Basaba ko hokworwa amatohoza akwiye kugira ngo hamenyekane uko ivyo bisasu vyashoboye gushika muri ico kibanza gisanzwe cugarwa kandi kirimwo n’ibikoresho vya Regideso.

please wait

No media source currently available

0:00 0:02:35 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG