Uko wahagera

Uburundi Bwitwariye Red Tabara ku Bwicanyi bwo mu Gatumba n'i Bubanza


Abanyagihugu batangariye ikamyo yaturiwe mu gitero c'i Buringa
Abanyagihugu batangariye ikamyo yaturiwe mu gitero c'i Buringa

Reta y’Uburundi yuguruye amadosiye abiri y’Ubutungane ku bw’icanyi bwahitanye abantu 29 mu Gatumba na Gihanga mu ntara za Bujumbura na Bubanza.

Umushikirizamanza kizigenza wa Republika yatangaje ko yitwariye umuhari Red Tabara wemanze ivyo bitero mu kwezi kw’12 kw’umwaka uheze hamwe no mu kwezi kwa 2 kw’uyu mwaka.

Umushikirizamanza kizigenza wa Republika yavuze ko hakozwe ivyaha vy’iterabwoba kandi ko harungitswe imitahe mpuzamakungu. Uwo muhari wowo wabwiye Ijwi ry'Amerika ko ata basivile wishe ahubwo ko wishe abasirikare bahanganye, gutyo ko ayo madosiye y’ubutungane ataco ababwiye.

Ibitigiri vy’abiciwe muri ivyo bitero ntibihurizwako. Umuhari Red Tabara wemeza ko wishe abasirikare n’abapolisi 16 gusa. Yamara reta y’Uburundi yemeza ko abishwe muri ivyo bitero ari 29 harimwo abajejwe umutekano babiri gusa.

Aha ni ho, umuhari Red-Tabara uhera uvuga ko utemera amatohoza n’ubutungane bwa Reta bahanganye. Kuri micro y’Ijwi rya Amerika, Patrick Nahimana avugira uwo muhari, ariyamiriza iyo nzira y’imitahe mpuzamakungu reta yafashe yo gukemura amatati y’intambara.

Umushikirizamanza mukuru wa republika ntiyerekanye amazina y’abarungikiwe imitahe mpuzamakungu y’Ubutungane abo ari bo. Gusa yasiguye ko ari abarongoye uwo muhari.

Ico bikoze hasanzwe hariho iyindi mitahe ibiri ibiro vy’uyo mushikirizamanza mukuru vyarungikiye umunyepolitike Alexis Sinduhije, Parike yavuze ko ari we arongoye uwo muhari.

Bamwe mu banyepolitike b’Abarundi nka Leonce Ngendakumana wo mu mugambwe Sahwanya Frodebu yagiye mu biganiro i Arusha vyahagaritse intambara mu myaka y’2000, abona ko umuti urama ari ibiganiro vyohuza izo mpande zihanganye.

Ico bikoze, umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye ntabikozwa. Mu kiganiro aheruka guha abanyagihugu n’abamenyeshamakuru, Perezida Ndayishimiye yavuze ko ataco boganira n’uwo muhari umurwanya na reta yiwe.

Uburundi bwagiriza u Rwanda kubika no gushigikira uwo muhari, u Rwanda narwo rukavyamirira kure.Yamara uwo muhari igihe cose ugaba ibitero ku bice biri ku mupaka w’Uburundi na Kongo, ndetse wemeza ko ariho hari ibirindiro vyawo.

Icongeyeko, amasoko y’Ijwi rya Amerika yemeza ko Uburundi bwarungitse batayo y’abasirikare barenga 1000 mu misozi miremire yo mu ntara y’a kivu y’amaj’epfo kurondera no kubuza uwo muhari gutera Uburundi.

Uburundi na Red Tabara Ntibivuga Rumwe ku Baguye mu Bitero vy'i Bubanza no mu Gatumba
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:57 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG