Uko wahagera

Uburundi Butera Ivyatsi Igitero c'Abitwaje Ibirwanisho Cahitanye 9 i Bubanza


Ingoro y'Umugambwe, CNDD-FDD, yasenyuwe n'abakoze igitero
Ingoro y'Umugambwe, CNDD-FDD, yasenyuwe n'abakoze igitero

Reta y’Uburundi yatangaje ko abantu icenda bishwe n’umugwi w’abantu bitwaje ibigwanisho i Buringa muri komine Gihanga , intara ya Bubanza mu burengero bw’igihugu.

Abanyagihugu b’aho i Buringa babwiye Ijwi ry’Amerika ko ico gitero carimwo ibikoho bikomakomeye.

Amakuru ava aho i Buringa amenyesha ko abantu bari mu kigandaro batewe, icenda bahasiga ubuzima, batanu barakomereka. Mu bapfuye harimwo abagore batandatu n’abagabo batatu. Muri abo bagabo harimwo umusirikare.

Muri ico gitero kandi imodoka zibiri n’ipikipiki vyaraturiwe, ingoro y’umugwambwe CNNDD-FDD uri ku butegetsi mu Burundi irasamburwa.

Ingoro ya CNDD-FDD yasambuwe n'abarwanyi ba M23.
Ingoro ya CNDD-FDD yasambuwe n'abarwanyi ba M23.

Abanyagihugu baho i Buringa batashimye kuvugira kuri mikoro z'Ijwi ry'Amerika kubera imvo z’umutekano wabo, batumenyesheje ko umutekano wabo udacungerewe. Bagize bati:" Iyoba reta yari yarabitaheyeho, iba yarongereje abajejwe umutekano muri ako gace gakunze guterwa n’abantu bitwaje ibigwanisho." Bamenyesha ko reta isa niyabahevye.

Umunyamabanga mukuru wa Reta, Jérôme Niyonzima, yemeje ibitigiri vy’abapfuye vyashikirijwe n’abanyagihugu. Mu kiganiro n’abanyamakuru, yavuze kandi ko ico gitero cakozwe n’umuhari Red Tabara wahisemwo kurwanya reta ukoresheje ibigwanisho.

Reta y’Uburundi yahojejwe imiryango yabuze yongera gusaba abarundi kurikanura kurusha uko bahora.

Umuhari Red Tabara wagirizwa na Reta y’Uburundi ko ari wo wagandaguye abo bantu urabihakana, ariko ukemeza ko wowo wakoze ibitero bibiri ku kirindiro c’igisirikare kiri ku ruzi Mpanda be no ku kindi kirindiro aho bita kwa Ndombolo i Buringa bakica abasirikare batandatu.

Patrick Nahimana avugira Red Tabara yabwiye Ijwi ry’Amerika ko reta y’Uburundi ari yo yobazwa abo basivile bapfuye. Uwo muvugizi wa Red Tabara amenyesha ko bahisemwo inzira y’intambara ngo kuko izindi zose Reta y’Uburundi yazanse.

Umunyapolitike Fréderick Bamvuginyunvira yabaye icegera c’umukuru w’igihugu kuva mu mwaka 1998 gushika 2001 muri kino gihe arongoye urunani CEFOR/ARUSHA amenyesha ko naho rimwe na rimwe reta mu gutwara nabi ishobora gutuma hari abahitamwo ibigwanisho ngo si yo nyishu irama.

Ico gitero kibaye inyuma y’ikindi cabaye mu mpera y’umwaka uheze, aho ibarabara RN 5 riva I Bujumbura rija mu ntara ya Cibitoke ryasambuwe iruhande y’ikiraro c’uruzi Kajeke hagapfa umuntu umwe.

Imbere yaho gato hari haturiwe imodokari yo mu bwoko bwa Probox aho I Buringa ihiramwo abantu babiri.

Reta y’Uburundi mw'itangazo yasohoye yongeye kwagiriza Reta y’u Rwanda ko ari yo iri inyuma y’ivyo bitero muguha ibirwanisho n’imyimenyerezo abo bagwanyi igasaba reta y’u Rwanda gushikiriza Uburundi abarongoye uwo muhari kugira babazwe n’ubutungane.

Ijwi ry'Amerika ryarondeye icegra c'umuvugizi wa reta y’u Rwanda, Alain Mukurarinda, kugira agire ico avuze kuri ivyo Uburundi bubagiriza, terefone yiwe yacamwo ariko ntiyitavye.

Mu kwezi kwa 12 umwaka uheze, aho uwo muhari wa Red Taraba wagira igitero I Vugizo, komine Gatumba intara ya Bujumbura, naho nyene Uburundi bwari bwagirije u Rwanda ko ari rwo rushigikiye uwo muhari.

Mw’itangazo reta y’u Rwanda yasohoye ico gihe yaramenyesheje ko ata hantu na hamwe u Rwanda ruhuriye n’uwo muhari utera Uburundi.

Fyonda hasi wumve mu majwi ino nkuru ya Désiré Hatungimana.

Burundi: Igitero c'Abitwaje Ibirwanisho Caguyemwo Abantu 9
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:55 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG